InkinoMuburundi

Jean Noël Désiré azomenyereza abari muri Academy ya FFB yarungitswe na FIFA.

Jean Noël Désiré niwe umumenyereza yarungitswe na FIFA mugufasha gutegura babana bari muri Academy ya FFB! k’umunsi w’ejo kuwa 2 igenekerezo rya 11 Munyonyo 2025 Ishirahamwe ry’Umupira w’Amaguru mu Burundi ku cicaro gikuru ciryo shirahamwe Muyenge Alexandre asanzwe arongoye iryo shirahamwe yakiriye  Ali mwebe araba ivy’ubuhinga mu karere wa FIFA yazananye n’umumenyereza Jean Noël Désiré umumenyereza yarungitswe na FIFA mu mugambi wa (TDS) “Talent development Sheme”.

Jean Noël Désiré azomenyereza Academy ya FFB.

Uwo mumenyereza rero akaba aje gufasha abamenyereza bovngaha muvgihugu ukuntu bofasha na cane cane babana basanzwe bari muri Académie ya FFB ( Académie D’excellence de la FFB ) ikaba rero n’ubundi ari mu ntumbero FIFA yihaye yo gufasha amashirahamwe y’umupira w’amaguru mu gutezimbere impano z’abakiri bato. Uburundi rero bubaye igihugu ca 3 mu karere ka CECAFA karose uwo mumenyereza atangwa na FIFA Inyuma ya Tanzanie na Djibouti.

Twitege ko Bizofasha abana kugaragaza impano uburundi busubire kwitabira amahiganwa mpuzamakungu?

Related posts

Seychelles ntiratsinda Uburundi na rimwe mu nkino 8 zose zabahuje.

Yvan Manager

Urucanco rwa Malariya rwamaze gushika mu Burundi.

Yvan Manager

Umurundi akina muri ligue 1 mu Bufaransa.

Buja Media

Leave a Comment