InkinoMuburundi

Jean Noël Désiré azomenyereza abari muri Academy ya FFB yarungitswe na FIFA.

Jean Noël Désiré niwe umumenyereza yarungitswe na FIFA mugufasha gutegura babana bari muri Academy ya FFB! k’umunsi w’ejo kuwa 2 igenekerezo rya 11 Munyonyo 2025 Ishirahamwe ry’Umupira w’Amaguru mu Burundi ku cicaro gikuru ciryo shirahamwe Muyenge Alexandre asanzwe arongoye iryo shirahamwe yakiriye  Ali mwebe araba ivy’ubuhinga mu karere wa FIFA yazananye n’umumenyereza Jean Noël Désiré umumenyereza yarungitswe na FIFA mu mugambi wa (TDS) “Talent development Sheme”.

Jean Noël Désiré azomenyereza Academy ya FFB.

Uwo mumenyereza rero akaba aje gufasha abamenyereza bovngaha muvgihugu ukuntu bofasha na cane cane babana basanzwe bari muri Académie ya FFB ( Académie D’excellence de la FFB ) ikaba rero n’ubundi ari mu ntumbero FIFA yihaye yo gufasha amashirahamwe y’umupira w’amaguru mu gutezimbere impano z’abakiri bato. Uburundi rero bubaye igihugu ca 3 mu karere ka CECAFA karose uwo mumenyereza atangwa na FIFA Inyuma ya Tanzanie na Djibouti.

Twitege ko Bizofasha abana kugaragaza impano uburundi busubire kwitabira amahiganwa mpuzamakungu?

Related posts

Mondiale 2026: Hasigaye imisi 400 itagure, Mexique iriteguriye kwakira abakunzi benshi cane.

Buja Media

BURUNDI: Ntibucakiriye Namibia ku kibuga citiriwe Intwari

Buja Media

Ligue des champions: Urukino atanumwe rwafashije, Real Madrid-Manchester City (1-1).

Buja Media

Leave a Comment