InkinoMuburundi

Primus Ligue 2025-2026: N’ibiki vyaranze indwi ya mbere?

Indwi ya mbere inkino z’ihiganwa rya Primus ligue uyu mwaka wi 2025 ushira 2026 ryataguye kw’igenekerezo rya 15 Myandagaro uyu mwaka, ryuguruwe n’ishirahamwe ry’umupiro w’amaguru mu Burundi ku kibuga Ingoma hari urukino rwa Aigle Noir na Garage Express FC, hari abatwara FFB n’abandi batandukanye bari mu mabanga akurikirana cane gose ivy’umupira w’amaguru. Mu nkino 8 zose habonetsemwo ibitsindo 18.

Urukino rwatagaje abantu benshi rwabereye ku kibuga i Buganda kuwa 15 Myandagaro, umurwi mushasha murico cicaro watsinze igitsindo kimwe umurwi wa Vital’o ifise kahise keza k’imyaka irenga 50 ariko ntivyabuzeko urukino ruza guhera uwo murwi utakaje amanota. Uravye imyimenyerezo umurwi wa Vision FC wagize ukina na Inter Stars, Musongati FC, Bumamuru FC hamwe na Aigle Noir urabonako naho ari ariho bakiduga atari bashasha mu nkino zo mu cicaro ca mbere kandi abakinyi bariko baramenyerana cane ntaho indongozi zuwo murwi arizo zishasha mubijanye no kurongora umurwi.

Uko imirwi yatsindanye nuku:

1/ B.S Dynamik 0-2 Kayanza UTD

2/ Muzinga FC 2-1 BG Green FC

3/ Garage Ex FC 0-2 Aigle Noir CS

4/ Inter Star 1-1 Messager Ngozi

5/ Vital’ O FC 0-1 Vision 2026 FC

6/ Flambeau FC 2-1 Rukinzo FC

7/ Ngozi City  1-1 Olympic Star

8/ Bumamuru FC  2-1 Musongati FC.

Umurwi  wa Muzinga FC watsinze BG Grenn waerumaze imyaka yababa 8 warakorotse ariko watsinze umurwi mushasha ariho ukiduga mu cicaro ca mbere. Urukino abantu benshi bari barindiranye igishika rwari urwa Bumamuru na Musongati FC, habonetsemwo idunzwa ry’amahera yo kwinjira bakuye kuri bihumbi 2 bashikana ku bihumbi 5 kuri mu bibanza bisanzwe ariko ntivyabujije ko ikibuga cuzura kubera uwo murwi usanzwe wakirira kurico kibuga. Imirwi 2 izoserukira igihugu Flambeau du Centre na Aigle Noir baratahukanye amanota 3. Aigle Noir ufatiye ku myimenyerezo yari imaze iminsi igihe hanze y’igihugu hamwe n’inkino za kivandimwe birabonekako batsinze ibitsindo bike cane ku murwi uvuye mu gice ca kabiri.

Mbega twitege iki ku ndwi igira 2 ?

Related posts

“Abakinyi bose bameze neza, hasigaye akazi k’umumenyereza” Patrick avugira Intamba mu rugamba.

Yvan Manager

Amaziko ya Papa Fransisko azoba kuwa 26 Ndamukiza muri Bazilika ya Mariya mweranda.

Yvan Manager

Davis Cup: Uburundi bwandikishije kandi amateka meza muri Tennis yo muri Afrika.

Yvan Manager

Leave a Comment