ImibanoMuburundi

Brarudi: Sprite Zéro ikinyobwa gishasha.

Ihunguriro ry’ibinyobwa Brarudi ryarazanye kandi ikindi kinyobwa gishasha bise “Sprite Zéro” ico kinyobwa  nta sukari yongewemwo Ico kinyobwa kitaborera kikaba kizogurwa amafaranga y’amarundi 1600 kw’icupa ringana cl 30.Brarudi imenyesha ko ico kinyobwa cashohotse mu ntumbero yo gushira imbere bishasha no gutanga ubwoko bwinshi bw’ibinyobwa kugira ngo yishure ku vyipfuzo bishasha vy’abaguzi.

Nkuko twashoboye kubibona mw’itangazo ryagiye ahabona igenekerezo rya 21 Rusama ry’ihinguriro  Ishirahamwe Brarudi (Brasseries et Limonaderies du Burundi) itangazo rimenyesha abaguzi n’abakunzi n’ibinyobwa vyaryo ko ryashize kw’isoko ikinyobwa gishasha citwa Sprite Zéro, ngo ni ikinyobwa kitagira isukari yongerwamwo. Iki kinyobwa gishasha Sprite Zéro ngo guhera uwo munsi ija ahabona kiraboneka mu gihugu cose, kiri mw’icupa rya santiritiro 30 (30cl) kikaba kiri ku giciro c’1600.
Sprite Zéro, ije ikurikira ibindi binyobwa iryo shirahamwe rihingura ryaheruka gushira kw’isoko nka Amstel Bright, Vital’o, Primus Black, Primus Citron. Brarudi yataguye gukorera mu 1955, ibinyobwa birimwo umwambiro uboreza ntivyemewe kubari munsi y’imyaka 18.

Related posts

Abaririmvyi bi Ngozi bashizeko ikimenyetso kumva ya Saïdi Brazza kugira ntihazimangane.

Yvan Manager

” Imyiyamamazo yagenze neza muri rusangi ” uwigenga Dieudonné Nahimana.

Yvan Manager

FIFA U-17: Intamba mu rugamba z’abigeme zasezerewe zitsinzwe na Côte d’Ivoire.

Yvan Manager

Leave a Comment