Ishirahamwe ry’umupira wa maboko mu Burundi FEBABU ryasohoye itangazo ritera ivyatsi inyifato rigayitse yakozwe n’abakuzi b’umurwi wa Dynamo bazanye igicapo “Banderole” kibiba urwanko vyabaye kuruyu w’Imana mu rukino rwahuje Urunani hamwe na Dynamo. Febabu imenyesha yuko ifatiye ibihano umuntu bazosanga yarabigizemwo uruhara ubwa mbere murico gicapo bafatiye kumategeko y’ishirahamwe. Bamwe mubari ngaho baraguye mu gahundwe basomye ivyandiko vyariko.
Imbere y’abantu batari bake bari bahurumbiye urwo rukino, abakunzi buwo murwi wa Dynamo bazananye mu mbamvu, baca imbere y’ubwugamo budasazwe berekana ico gicapo carimwo amajambo abiba urwanko. Abategura ihiganwa hamwe n’ababafasha bose baguye mu gahundwe babonye amajambo yanditse kurico gicapo, banyaruka kubabuza kubandanya berekana mu bantu. Ntivyabaye ivyoroshe hagati yiyo mirwi 2 kumvo zuko bashatse gushamirana bamwe bababuza kubandanya abandi bihagararako. Inyuma yumwanya utari muto bahavuye bashira mu ngiro itegeko ryuko ico gicapo kikibandanya cerekanwa kurico kibuga ibihano bidasanzwe bihava bifatwa kumurwi wa Dynamo. Abatari bake bari ngaho baratagaye kuriyo nyifato yabaye atavyo bari bamenyereye amajambo yo kubiba urwanko.

kuruhande rwa Febabu bati : “Amajambo imikubi, urumogi, gahini arimwo urwanko ntazosubira kuvugwa ku bibuga” bashishikara basaba Ibimenyeshamakuru, abarongoye imigwi n’abafana bahamagariwe ko ayo majambo ata wokwongera kuyavuga canke ayandike kuko urukino rwa BasketBall n’ikibanza c’umunezero n’umuvukano.

Mbega amajambo Imikubi n’ Urumongi yavuye kuki?
Hagati yiyo mirwi 2 ikebana kuva mu 2020, bahora bafise amajambo bitana hagati yabo bamwe babita “Imikubi” bavuga Dynamo kubera imyambaro yabo ifise amabara y’urwatsi rubisi. Urumogi bavyita abakunzi b’Urunani kubera bafise amajambo atagura ushobora kwongerako vyoroshe iryo jambo. Ivyo vyose bahora babivuga ari gutyozanya gusa bahura mu kibuga ariko inyuma y’urukino bagasubira bagahuza atavyizingo igiyemwo.
Febabu iheraheza ivuga yuko bagiye gushira hanze amategeko agenga abafana mu ntumbero yo kubamenyesha uko umufana ategerezwa kwitwara.