InderoMuburundi

Amasezerano yo kubaka ishure ry’imyuga rizotwara imiliyaridi 30 z’amarundi.

Reta y’Uburundi yarateye umukono ku masezerano hagati y’umushikiranganji w’ikigega ca Reta, Nestor NTAHONVUKIYE n’uwuserukira Ubufaransa mu Burundi, Sébastien Minot kuzoha Uburundi imiliyoni 9 z’amanyaburaya (9.000.000 Euros) mu marundi yababa imiliyaridi 30 kugira bazokubaka ishure ry’imyuga mu ntara ya Cankuzo nkuko Ubufaransa bwavyemeye mu nama y’ibihugu bivuga ururimi rw’igifaransa yabaye muri Munyonyo 2022.
Iryo shure ry’imyuga rizofasha urwaruka rwinshi ruzoba rutashoboye guheza amashure kwikorera ubuzi mu gihe imyuga ibeshejeho abantu benshi haba mu Burundi canke mubindi bihugu. Kuriyro shure hazoba hari ibisata vyinshi kandi bitandukanye bizotuma umunyeshure wese yitorera ivyo azojamwo bivanye n’imigambi ashaka kuzokwikorera muri kazoza kugira urwo rwaruka ruronke ubumenyi mu kwongereza umwimbu, yaba mu burimyi, uburaro canke mu gisata c’uburimyi. Uwo mugambi uzofasha mu kugwiza inyigisho zijanye n’amahirwe y’akazi, ugufashanya hagati y’amashure n’ubudandaji, ubushobozi bw’inzego, guteza imbere ubutunzi bw’abakenyezi n’ugushirwa mu mashirahamwe.
Image
Nestor NTAHONVUKIYE Umushikiranganji w’ikigega ca Reta, Sébastien Minot aserukira Ubufaransa mu Burundi.
Abo bategetsi babiri bashize ahabona ko indero n’uburimyi ari vyo bishira imbere mu bijanye n’ugufashanya hagati y’Uburundi n’Ubufaransa.
Mwomenya yuko kizoba kibaye ikigo kigira 3 mu gihe hari icubatswe mu ntara ya Karusi n’ikiriko cubakwa mu Cibitoke.

Related posts

Divine Light yashize ahabona indirimbo nshasha yise “Ni Mwema”

Buja Media

Umukuru w’Igihugu yashikirije musitanteri mushasha wa Komine Matongo.

Buja Media

Dieudonne Kwizera yatowe kandi gutarwa FAB imyaka 4.

Buja Media

Leave a Comment