Abakobwa 11 bazoja mu gice ca nyuma c’ihiganwa rya Miss Burundi uyu mwaka wi 2023 bamaze gushikiriza imigambi ahabona inyuma yo gukora amajojora imbere y’abahinga mu gutanga amanota(Jury). Abakobwa 11 muri 26. Ivyo bikorwa vyabereye mw’ihoteri Roca Golf ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 20 Ndamukiza 2023.
Amazina 11 y’abazobandanya mu gice ca nyuma muriryo higanwa:
1/ NGABIRANO Belle Ange Edissa
2/ KEZA Blandine
3/ ISHIMWE Netty Louange
4/ KEZIMANA Mélissa
5/ BARUNGURA Lyne Chella
6/ IRAKOZE Erica Aimé Carolle
7/ UWERA Ricky Tricia:
8/ KENGURUKA Clara
9/ IGIRANEZA Ange Charlène
10/ MUGISHA Elsie Amandine
11/ NDAYIZEYE Lellie Carelle
Amwe mu mafoto y’ukuntu vyagenze murico gikorwa co gutoramwo abakobwa beza kandi baciye ubwenge muriryo higanwa.
Abakobwa 3 ba mbere bazorusha abandi muriyo higanwa bazoronka: Uwa mbere bazomuha imodoka uri mu bwoko bwa Ractis , umushahara wi bihumbi 500.000 ku kwezi, iritiro 480 z’igitoro ku mwaka, kurihirwa umwaka w’ishure muri kaminuza, kumukoreshereza umuduga bishitse ugapfa, ivyo vyose ni vyo uwuzotorwa azohabwa. Nayo icegera ca mbere ni ibahasha ya 2.500.000 , uwa 2 aronke 2.000.000 hamwe nuwuzoba yakunawe kurusha abandi azotahana ibahasha ry umuliyoni n’igice (1.500.000). Ivyo bishitse mu gihe abari biyandikishije bose bashika 142 bari bavuye mu ntara 18 z’igize igihugu.
Vyinshi cane bijanye niryo higanwa Miss Burundi tuzobibabwira ido n’ido.
Inkuru ijanye niryo higanwa Miss Burundi: https://bujamedia.com/ihiganwa-ryumwigeme-mwiza-ryagarutse/