Ibigezweho

Liliane Nshimirimana, umunyamabanga nshingwabikorwa mushasha mu kigo c’abamenyeshamakuru mu Burundi.

Liliane Nshimirimana, umunyamabanga shingwabikorwa mushasha w’ikigo c’abamenyeshamakuru mu Burundi “Maison de la Presse” asubiriye Nestor Ntiranyibagira agiye mu karuhuko kizabukuru yatanguye muri Ruhuhuma uyu mwaka 2023. Kuruyu wa kabiri mu gatondo, igenekerezo rya 4 Ndamukiza 2023, habaye ibisikanya k’umuyobozi yahahora na Liliane Nshimirimana mushasha murayo mabanga. Mu bintu bikuru bikuru Nestor Ntiranyibagira amusigiye harimwo ugukoresha gushasha ikigo kijanye n’inyigisho kubinyamakuru, kurondera uburyo bujanye no gufasha abamenyeshamakuru mukuduza urugero rw’ivyigwa kuribo.

Nestor Ntiranyibagira abisikanya na Liliane Nshimirimana k’ uburongozi bw’ikigo co kumenyeshamakuru.

Nkuko mu bibona hejuru kw’isanamu, Liliane Nshimirimana asanzwe amenyereye ibijanye n’uburongozi mu guserukira abandi imbere akaba asanzwe atwara ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru b’inkino mu Burundi(AJSB). Baheruka kumutora muri Ntwarante 2023 mu kibanza co kuba umunyabigega mw’ishirahamwe mpuzamakungu y’abamenyeshamakuru b’inkino kurwego rwa Afrika (AIPS). Liliane Nshimirimana afise umurwi w’abigeme mu mupira w’amaboko Volleyball witwa (EGIA).

Mu mwuga wo kumenyesha amakuru, Lililane si mushasha nkuko benshi bakunda kuvyibaza, yatanguye mw’insamirizi Ijwi ry’umukenyezi mu 2007, afise urupapuro rw’umutsindo rw’amashure ya kabiri ya kaminuza mu gisata co kumenyeshamakuru muri kaminuza y’ Uburundi. Liliane n’umukenyezi yubatse afise umwana 1.

Ivyo biruko mu gihe ico kigo c’abamenyeshamakuru uyu musi kiramutswa umukenyezi Mirielle Kanyange asanzwe arongoye uruganda rw’amakuru kuri radio Isanganiro.

Insamirizi Buja Fm imwipfurije kuroranirwa murayo mabanga mashasha agiyemwo.

Related posts

Volleyball: Muzinga iratwaye igikombe mu bigeme.

Buja Media

Amkeni bayihagaritse babuza uwayiririmvye gusubira kuririmbira muri Tanzaniya kubera inegura ubutegetsi.

Yvan Manager

Mukaza basabwa kwubaka bisunze itegeko rigenga gutunganya ibisagara ryo muri 2011.

Yvan Manager

Leave a Comment