IbigezwehoImyidagaduro

Drama T: ‘’ITAMPORIZE’’ indirimbo iriko ivugwako vyinshi.

Indirimbo imaze imisi 3 gusa igiye ahabona, imaze gushikana abantu bamaze kuyiraba bageze ibihumbi 314, abagize ico bayivuga ko  banditse ubutumwa bushika 3348, aberekanye ko bayikunze n’ibihumbi 24.

Bamwe mu baririmvyi baragize ico bayivugako:

Mon’W Kenzie (Mona Walda Kaneza): ’’ko dutesa none, God Job to everyone on this projects and keep it up #MyBabyKiller.’’ Mkombozi: ‘’Indirimbo nziza, ariko uyu Mo’W Kanzie Mona Walda araryosha ibintu kandi umuravye si mwiza cane kurusha abandi ariko araryohera imbonero kurusha abandi’’. Bobona : ‘’…..Ikintu uzoshikako vyoroshe uzogire amakenga….ntivyoroshe….’’. True Vas-y

Ifoto iri muriyo ndirimbo ”ITAMPORIZE”

Indinrimbo yakozwe na Joell Houghton, amasanamu John Elatrs, umu Queen Video yari Mo’W Kanzie asanzwe ari umuririmvyikazi.

Ku rubuga rwa facebook, Mon’W Kanzie agishirako igihe indirimbo izosohokera, abashika 503 ni bagize ico bayivugako, 15 barayishize ku mbuga zabo bwite .

Ivyo vyose vyatumye ‘’Itamporize’’ ya Drama T, gushika ubu ifise abamaze kuyiraba barenga ibihumbi 300, abamaze kwiyongera ku mukurikirana ku rubuga rwa you tube yiwe barenga gato 10 000 akaba ari iya 2 abantu bagize ico bayivugako ari benshi.

Drama T, indirimbo yakunzwe cane yaheruka yitwa ‘’Madamu’’ ubu igeze kubantu bashika imiriyoni 4 mu mezi indwi ayishizeko. Yaheruka mu gihugu c’Urwanda mu bikorwa vyo kumenyekanisha indirimbo ziwe harimwo imboneshakure nkuru y’Urwanda mu kiganiro ‘’Le mirroir’’.

Umuririmvyi Drama T, afise urugendo mu Bubirigi mu kwezi kwa Rusama.

 

 

Related posts

Uburundi buza imbere mu bwigenge bw’ibinyamakuru mu bihugu vyo muri kano karere.

Yvan Manager

Léonce Ngabo, Ednaky, Masterland na B Face bavuze iragi Saïdi Brazza abasigiye.

Yvan Manager

Inoti ya 10.000,5.000 yakozwe kuwa 4 Munyonyo 2108, ntizoba igikora inyuma ya 17 Ruheshi 2023.

Yvan Manager

Leave a Comment