IbigezwehoMumahanga

Ali Bongo aridegemvya afise n’uburenganzira bwo kuja kwivuza hanze.

Ali Bongo Ondimba yaheruka gukurwa k’ubutegetsi n’igisirikare aridegemvya kuva kuruyu wa kane nkuko imboneshakure y’igihugu Gabon 24 ivyemeza, ku masanamu yerekanye k’umunsi wa gatatu mw’ijoro abonana n’uwuserukira ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu mu bihugu vyo muri Afrika yo hagati, Abdou Barry. Afise uburenganzira bwo kuja kwivuza hanze mu gihugu cose yipfuza.

Colonel Ulrich Manfoumbi umuvugizi wa reta y’imfatakibanza.

Nkuko yaramaze iminsi uwahoze ari umukuru wico gihugu yahora apfunzwe icamaso bivugwa n’abategetsi ba gisirikare barongoye igihugu muri iki gihe. Umuvugizi wa reta y’imfatakibanza Colonel Ulrich Manfoumbi, abicishije kuri televiziyo, ejo ku musi wa gatatu yagize ati: “Arashobora, mu gihe yoba avyipfuza kuja mu mahanga kwivuza”.

Kuri Gabon 24 nta makuru y’ukuntu amagara yiwe yifashe muri iki gihe aratangazwa gushika ubu, ariko mu mwaka w’2018 yarafashwe n’ingwara y’umuvuduko w’amaraso AVC, yatumye atarangura neza amabanga yiwe y’Umukuru w’igihugu mu kiringo kitari gito.

Ivyo biruko mu gihe igenekerezo rya 01 Nyakanga uyu mwaka, Brice Oligui Nguema aheruka kurahira gutwara Gabon yatangaje ko Ali Bongo yashizwe mu karuhuko k’izabukuru afise imyaka 64.

 

Related posts

RDC: Abatavuga rumwe na reta bafise amakenga k’uwurongoye umurwi w’amatora n’uwurongoye sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro.

Yvan Manager

Umukinyi Piqué yirukanye umugore wiwe Shakira mu nzu.

Yvan Manager

Kenya:Umuririmvyi Jaguar bamugenye kuba umunyamabanga ashinzwe ivy’intwaro mu bushikiranganji bw’urwaruka n’inkino.

Yvan Manager

Leave a Comment