Mumahanga

Umwuzukuru wa Mobutu, Malo Ndimba yirukanywe ari Buramatari iwabo.

Abashingamateka bo mu ntara ya Nord Ubangi mu gihugu kibanyi ca Congo birukanye burundu buramatari wiyo ntara mu kibanza co kuziserukira iyo ntara mu bashingamateka, Malo Ndimba Mobutu umwuzukuru w’umuhisi Maréchal Mobutu Sese Seko watwaye Zaïre(DR Congo y’ubu) imyaka 32 kugeza mu mwaka wa 1997. Yagirijwe kuba atacizere bamufitiye kumvo zuko kuba yaranyurje amatungo yaragenewe abanyagihugu bo muriyo ntara. Ya towe kuba buramatari w’intara ya Nord-Ubangi asanzwe avukamwo, ari nayo sekuru wiwe yamukamwo.

Bishikirizwa na RTNC ikinyamakuru ca Reta yo murico gihugu muba shingamateka 10 muri 18 bazova muriyo ntara, kuruhande rwiwe ntanakimwe aravuga kubijanye niryo kugwa.  BBC Gahuzamiryango yagerageje kuvugana na Malo Mobutu n’umwe mu bashingamateka b’intara ya Nord-Ubangi, kugeza ubu ntibirashoboka. Bamwe mu bakurikirana hagufi muri co gihugu bashikiriza yuko abashingamateka batoye basaba yuko batakigufitiye icizere bati “Uba agiye wewe nabo mukorana bose”. Ariko uwo muhinga yavuze ko hari ubutegetsi  bw’i Kinshasa, nk’umushikiranganji wa mbere ashobora kwanka iyo ngingo buramatari agasubira kukivi ku nguvu.

Malo Ndimba Mubutu buramatari mu ntara ya Nord-Ubangi.

Malo Mobutu afise imyaka 41, yari yatowe muri Nyakanga mu mwaka uheze nka Buramatari w’intara ya Nord-Ubangi avukamo, imbere yaho yari asanzwe ari umuhanuzi mukuru mu bushikiranganji bujejwe gutunganya amatongo.

Related posts

CPI yasohoye umutahe kuri Vladimir Putin imwagiriza guhohotera agateka k’abana.

Yvan Manager

Ligue des champions: Urukino atanumwe rwafashije, Real Madrid-Manchester City (1-1).

Yvan Manager

Zelensky : ‘’Ntibashobora gufata igisagara Bakhmut tugihari’’.

Yvan Manager

Leave a Comment