Politike

Umukuru w’umugambwe CODEBU yarekuwe amaze iminsi 4 mu Mpimba.

Keffa Nibizi umukuru w’umugambwe CODEBU “Iragi rya Ndadaye” aridegemvya kuva kuruyu wa Gatandatu ku mugoroba igenekerezo rya 21 Gitugutu inyuma yo kumarayo iminsi 4 mw’ibohero rikuru rya Mpimba iryo rekurwa ry’umukuru w’umugambwe ryemezwa n’umugambwe atwara.  Keffa Nibizi yinjijwe ibohero inyuma yo kwumvirizwa na Leonard Manirakiza umushikirizamanza kizigenza wa repuburika, ayo makuru nyene amenyesha ko yagirizwa icaha co guhungabanya umutekano w’igihugu.

Mu mugambwe wiwe naho batamenyeshejwe ico yafungiwe, bicura ko ipfungwa ryiwe rifitaniye isano n’ubutumwa bwaciye ku rubuga X rw’uwo mugambwe werekana uko ubona ivy’igihugu., rwahoze rwitwa Twitte. Amajambo twayahinduye mu kirundi ngo :” Uburundi buri mu bukene bw’akataraboneka kubera uburongozi bubi, abarundi bahamagariwe kutemerana, bafate nyabuna akarorero kuri Rwagasore kugira bagarukire igihugu muri kino gihe ibintu bibandanya kuyangara”. Hari mu gihe Uburundi bwariko buribuka imyaka 62 iheze incungu yaharaniye ukwikukira kw’Uburundi agandaguwe.

Related posts

E. Ndayishimiye yahaye umubonano Umunyamabanga Mukuru wa ONU imbere yuko inama igira 11 itangura.

Yvan Manager

Abasirikare ba SADC bagiye kuva mu Buseruko bwa Congo.

Yvan Manager

Amatora 2025: Ibikoresho vyataguye kurungikwa mu ntara.

Yvan Manager

Leave a Comment