Politike

Umukuru w’umugambwe CODEBU yarekuwe amaze iminsi 4 mu Mpimba.

Keffa Nibizi umukuru w’umugambwe CODEBU “Iragi rya Ndadaye” aridegemvya kuva kuruyu wa Gatandatu ku mugoroba igenekerezo rya 21 Gitugutu inyuma yo kumarayo iminsi 4 mw’ibohero rikuru rya Mpimba iryo rekurwa ry’umukuru w’umugambwe ryemezwa n’umugambwe atwara.  Keffa Nibizi yinjijwe ibohero inyuma yo kwumvirizwa na Leonard Manirakiza umushikirizamanza kizigenza wa repuburika, ayo makuru nyene amenyesha ko yagirizwa icaha co guhungabanya umutekano w’igihugu.

Mu mugambwe wiwe naho batamenyeshejwe ico yafungiwe, bicura ko ipfungwa ryiwe rifitaniye isano n’ubutumwa bwaciye ku rubuga X rw’uwo mugambwe werekana uko ubona ivy’igihugu., rwahoze rwitwa Twitte. Amajambo twayahinduye mu kirundi ngo :” Uburundi buri mu bukene bw’akataraboneka kubera uburongozi bubi, abarundi bahamagariwe kutemerana, bafate nyabuna akarorero kuri Rwagasore kugira bagarukire igihugu muri kino gihe ibintu bibandanya kuyangara”. Hari mu gihe Uburundi bwariko buribuka imyaka 62 iheze incungu yaharaniye ukwikukira kw’Uburundi agandaguwe.

Related posts

Amatora 2025: Imyiyamamazo yuguruwe icese n’Umukuru w’Igihugu.

Buja Media

Umukuru w’Igihugu yashikirije musitanteri mushasha wa Komine Matongo.

Buja Media

Nestor Ntahontuye, yitavye inama mpuzamakungu y’ibihugu biri mu muryango UA.

Buja Media

Leave a Comment