MumahangaUmutekano

NIJERI: Abasirikare 17 bapfuye mu gitero c’Abajihadiste.

Igitero cakozwe n’abikekwa kuba abarwanyi baba jihadiste cahitanye abasirikare 17 ba Nijeri, igisirikare ca Nijeri cavuze ko ico gitero c’ejo ku wa kabiri cakomerekeyemwo abasirikare 20, muri bo harimwo batandatu bakomeretse cane. Ni igitero cabereye mu gisagara citwa Koutougou, kiri mu karere ka Tillaberi, kari ku rubibe Nijeri ihana na Mali hamwe na Burkina Faso. 

Mw’itangazo ryaco, igisirikare ca Nijeri cemeje ko cishe abarenga 100 mu bakoze ico gitero. Abagikoze bari ku mapikipiki nk’uko igisirikare ca Nijeri, kibisigura.Ico gitero kibaye mu gihe Nijeri ihanganye n’ibibazo birimwo ivya kudeta iheruka kuba muri ico gihugu.
Abategetsi ba gisirikare bo mu bihugu vyo mw ‘ishirahamwe ryo gufashanya mu vy’ubutunzi ry’ibihugu vyo muri Afrika yo mu burengero, CEDEAO, bazohurira muri Ghana ku wa kane no ku wa gatanu w’ino ndwi, mu nama yo kurabira hamwe niba bikiri ngombwa ko barungika inteko zabo muri Nijeri, mu mugambi wo gusubiza ubutegetsi Prezida Mohamed Bazoum.

Related posts

Denis Mukwenge yahawe ibihumbi 64$ bamusaba kwitoza mu kibanza c’Umukuru w’Igihugu muri Kongo.

Yvan Manager

Prigozhin umukuru w’ingabo za Wagner bamushinguye.

Yvan Manager

Abasirikare b’Ubufaransa bazotagura kuva muri Niger muriyi ndwi.

Yvan Manager

Leave a Comment