IbigezwehoInkino

NANI MKHANI TOURNAMENT: Remesha 67-55 Urunani muri Final.

Umurwi wa Remesha uhejeje gutsinda Urunani ku manota 67-55 Urunani, mw’ihiganwa bise ”Nani Mkhali Tournament” incuro igira 2 ry’ateguwe n’ ishirahamwe ry’umupira w’amaboko mu Burundi (FEBABU) mu ntumbero yo kwitegurira neza ihiganwa ryo kurwego rw’ igihugu buca ritagura vuba.

Urukino ntirwari rworoshe ku mpande zose kuko hakoresha inguvu nyinshi ariko haburana babiri hagatsinda umwe. Remesha itwaye ico gikombe mu gihe yari yatsinze Gymkhana (81-61) mu gice ca kabiri gishira ica nyuma, Urunani rwari rwatsinze Tigers yo mu ntara ya Makamba (64-57).

Ivyo biruko mu gihe, Remesha itwaye igikombe ca mbere muruyu mwaka 2023, ihiganwa Nani Mkhali tournament ya mbere yatwaye Dynamo.

 

Related posts

Intelligent le Comédien muri Festival Canal Comedy Buja 2023.

Buja Media

Volleyball World Beach Pro Tour ryuguruwe icese Umushikiranganji wa Mbere.

Buja Media

PSG, ibandanya yitwara nabi muri Ligue des champions.

Buja Media

Leave a Comment