Zidafise Umuce

Kirundo: Umushikiranganji w’ Ubutungane yagize inama ku kibazo ca Christella Ndayishimiye cabuze inyishu.

Umushikiranganji w’ ubutungane Domine Banyankimbona yazindukiye mu ntara ya Kirundo kuri uyu wa 20 Mukakaro 2023 ni mu ntumbero y’inama itegekanijwe n’abo mu gisata c’ubutungane muvyo barabiye hamwe ikibazo c’umunyeshure w’umwigeme Christella Ndayishimiye wo muri komine Ntega iri mu ntara ya Kirundo.
Image
E. Ndayishimiye aratanguza isekeza ryo gushira mu ngiro imanza zaciwe ariko zitashizwe mu ngiro mu ntara ya Karusi.Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye asaba abacamanza batagishoboye akazi canke gutunganiriza ababitura gutanga imihoho kugira basubirizwe n’ababishoboye aho guca izangondagonde ibitukisha ubutungane bw’Uburundi.
Umukuru w’igihugu agatangazwa n’ukubona umunyeshure yivye ikibazo ahanirwa icaha co kumena amabanga y’akazi. Ikindi cababaje uwurongoye Uburundi ni aho abacamanza bahana umunyeshure kandi yasambanijwe n’umwigisha.
Ni mu gihe Evariste Ndayishimiye, yaratanguza isekeza ryo gushira mu ngiro imanza zaciwe ariko zitashizwe mu ngiro mu ntara ya Karusi.

Related posts

Godefroid Niyonizigiye mustaneri mushasha wa Komine Kayanza.

Yvan Manager

Angeline Ndayishimiye yitavye inama “Women Deliver 2023 Conference” i Kigali.

Yvan Manager

Real Madrid na Arsenal biraherera he?

Yvan Manager

Leave a Comment