”Ndashimiye cane Umukuru w’ Igihugu William Ruto, n’ icegera ciwe Rigathi Gachangua kubona banyizeye bazeza amabanaga yo kuba umunyamabanga ashinzwe ivy’itwaro mu bushikiranganji bw’urwaruka n’inkino, tutibagiye uburongozi bwose umugambwe UDC bakoze kugira bashobore kumpa aya mabanga yo gukorera igihugu. Kw’ izina ryaba Starehe turabishimye ko mwatwizeye kugira tubakorere no kubahumuriza yuko tuzobakorera neza. Mwarahezagiwe cane”. Umuririmvyi Jaguar
Ubutumwa bwo gushima umuririmvyi Jaguar yanditse inyuma y’ amasaha bahejeje ku mugena kuzoba umunyamabanga ashinzwe ivy’itwaro mu bushikiranganji bw’ urwaruka n’ inkino mu gihugu ca Kenya.
Amazina yiwe yose yitwa umushingamateka Njagua, Charles Kanyi, yize ibijanye n’ amahoro no gutorera inyishu amatati muri kaminuza imwe muziri muri Kenya (Mt Kenya University). Jaguar yarabonetse cane mu guteramisha abantu mu gihe Umukuru w’ Igihugu William ruto uyu musi ari kubutegetsi yariko ariyamamaza. Ivyo biruko mugihe jaguar mu 2017 yigeze kuba umushigamateka mu mugambwe JP aserukiye agace ka Starehe, yaramaze imyaka 2 (2015 gushika 2017) yarabaye umuyobozi mw’ isekeza ryo kurwanya ibiyayura mutwe vyerekana yuko atari mushasha mu mabanga afata ingingo