Igice ca nyuma gisozera ihiganwa nyezina ya VBL bita Play Offs yuno mwaka wi 2025 yagiye ahabona ku ruhande rw’abagabo hamwe n’abagore, izotagura igenekerezo rya 21 Ruheshi ku kibuga kiri mu bushikiranganji muvyo bujejwe harimwo inkino nkuko ayo makuru tuyakesha urubuga rw’ishirahamwe FEBABU. Umurwi utahukanye iryo higanwa rya Play Off nizo ucuserukira igihugu muri Road to BAL. Bakina inkino 5 uwushoboye gutsinda 3 acabandanya mu gice ca nyuma ciro higanwa.

 Igice ca kabiri gishira ica nyuma ku ruhande rw’abagabo ni mirwi 4 muri 12 gusa harimwo yashitse mu mirwi 4 ya mbere ni Urunani, Dynamo,Les Hippos hamwe na Remesha. Umurwi uri mu kibanza ca mbere ucuhura n’uwuri mu kibanza ca kane, uwa kabiri utane mu mitwe n’uwuri mu kibanza ca gatatu.

Ku ruhande rw’abagore imirwi 4 ya mbere niyo izoshobora gukina ariyo Gladiators, Dynamo,Young Sisters hamwe na Les Hippos. Iyo mirwi yose irarembeje imyiteguro igerageza kumenyereza abakinyi bashasha baje gusahiriza nkuko amategeko yiryo higanwa avyemera. Amahera yo kwinjira ku muryango ntaramenyekana.
Mwomenya ko umurwi w’Urunani ariwo watahukanye Play Off y’umwaka uheze 2024 batsinze Dynamo inkino 4 kuri 7 bitoroshe.