MumahangaPolitike

Ibihugu 6 vyemerewe kwinjira muri Brics 2024.

Ibihugu 6 vyamaze kwemerwa kuja mu muryango wa BRICS  mu mwaka muri Nzero mu 2024, harimwo Iran, Argentine, Egypte, Ethopie,na Arabie Saudite n’ibindi. Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ari mu gisagara Johannesburg  muri Afirika y’Epfo mu nama idasanzwe y’umuryango BRICS ugizwe n’ibihugu bitanu ari vyo Brésil, Russie, Inde, Chine na Afrika y’Epfo. Ukorana mu manama rusangi uko umwaka utashe kuva muri 2011. 

Image
Varisito Ndayishimiye aramukanije na Cyril Ramaphosa, Umukuru w’Igihugu wa Afrika y’Epfo

Mu bikorwa vy’inama y’ibihugu bigize umuryango wa BRICS biriko bibera i Johannesburg, kizigenza wa Republika y’Uburundi Varisito Ndayishimiye yaraye abonanye na bagenzi we batandukanye mu kanya ko gusangira k’ abakuru b’ ibibihugu bitavye iyo nama katunganijwe na Cyril Ramaphosa.

Image
Varisito Mdayishimiye ariko araganira n’abandi bakuru b’Ibihugu.

Mu 2020, ivyo bihugu uko ari bitanu abanyagihugu bavyo bangana n’ibice birenga 40 kw’ijana (40 %) vy’abanyagihugu bo kw’isi yose. Bikaba bivugwa n’abahinga ko umurindi w’iterambere ry’ubutunzi bw’uyo muryango wongorekana buri mwaka kurusha iyindi miryango y’ibihugu ihasanzwe.

Related posts

Ruto yipfuzako Abanyafrika bokwinjira muri Kenya batarinze gusabwa Visa mu 2024

Buja Media

Kim Yong-nam, uwahoze ari Umukuru w’Igihugu ca Corée du Nord, yitavye Imana ku myaka 97

Buja Media

Reta y’Amerika yahagaritse ibimenyeshamakuru 3 iha uburyo harimwo VOA.

Buja Media

Leave a Comment