Ubutunzi

Edouard.N Bigendako yagenywe kuba Umuyobozi mushasha w’ ibanki BRB.

Kuwa 8 Gitugutu 2023, Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye ahejeje kugena Edouard Normand Bigendako Umuyobozi mushasha w’Ibanki Nkuru y’Igihugu “BRB” asubiriye Dieudonné Murengerantwari   akuwe inyuma y’umwaka n’amezi abiri gusa arongoye BRB. Edouard Normand Bigendako yahora ari Umuyobozi w’ ibanki BNDE kuva muri Myandagaro 2022. 

Peut être une image de journal, magazine, affiche et texte

Afise imyaka 44, afise igice ca kabiri ca kaminuza (Master) mu cirwa ca “Economie Politique” yakuye muri kaminuza muri reta Zunze Ubumwe za Amerika Williams College muri USA, n’mvukira yo mu ntara ya Ruyigi, ikaba yize kuri Kaminuza y’Uburundi, imbere y’uko akora muri BRB kuva 2009 gushika 2022.
Akaba ari umuhinga mu vya “Macroéconomie et Politiques Publiques de Développement“.
Dieudonne Murengerantwari ivyo benshi bamwibukirako niwe yatwara iyo banki BRB igihe bahindura inoti nshasha za 5000 na 10.000 ikindi nuko ariwe yuguruye inzu bandadarizamwo amahera y’agaciro kuva igihe zari zahagaritswe gukora.
Iyindi nkuru ivuga kuri BRB:
https://bujamedia.com/inoti-ya-10-0005-000-yakozwe-kuwa-4-munyonyo-2108-ntizoba-igikora-inyuma-ya-17-ruheshi-2023/

Related posts

Inoti ya 10.000,5.000 yakozwe kuwa 4 Munyonyo 2108, ntizoba igikora inyuma ya 17 Ruheshi 2023.

Yvan Manager

Abenegihugu bo hagati mu gihugu bataguye gutwara inoti guhiduza kuma zone.

Yvan Manager

Meri ya Bujumbura yataguye gusuzuma abadandaza ibasaba ko bomenyekanisha ivyo bakora.

Yvan Manager

Leave a Comment