InkinoMuburundi

FIFA U-17: Intamba mu rugamba z’abigeme zasezerewe zitsinzwe na Côte d’Ivoire.

Umurwi w’abigeme nserukiragihugu Intamba mu rugamba w’abatarenza imyaka 17 barasezerewe batsinzwe 3 ku 0 n’umurwi wa Côte d’Ivoire ku mugoroba w’ejo hahise ku kibuga Félix Houphouët Boigny. Gutakaza urwo rukino vyatumye Uburundi busezerwa ubutarariye mu kurushwa ibitsindo 4 nuwo murwi, intamba zikagira 3 gusa mu nkino zo kurondera uburenganzira bwo kwitabira igikombe c’isi c’abigeme batarenza imyaka 17 kizobera muri Maroc hagati y’amagenekerezo ya 17 Gitugutu na 8 Munyonyo uyu mwaka. Mu rukino rw’ibanze Intamba  zatsinze 3 kuri 1.

Umurwi nserukiragihugu Intamba mu rugamba w’abigeme.

Mu makuru dufise nuko imbere yurwo rukino umumenyereza Koudougnon Adélaïde yari yijeje aba nya Côte d’Ivoire ko bagiye kubona umugwi utandukanye n’uwo babonye mu rukino rw’ibanze. Inyuma y’urwo rukino, yagize ati : “Twakoze amakosa yadukozeko cane.Tugiye kuraba amakosa twakoze kandi tuzogaruka dukomeye cane, tuyakosore. Aba nya Côte d’Ivoire bazobona uwundi mugwi »

Izo nkino zose zabereye murico gihugu kumvo zuko Uburundi budafise ikibuga gikwije ibisabwa n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ku mugabane wa Afrika CAF.

Related posts

Sénégal – Égypte: Uguhangana kwa Salah na Mané ninde azagushika muri finale ya CAN2025?

Buja Media

RÉAL MADRID vs BARCELON: NINDE AFISE MAHIRWE YO GUTSINDA ?

Buja Media

HANDABALL U19: Uburundi buri mw’itsinda H mu gikombe c’isi yose.

Buja Media

Leave a Comment