Umurwi nserukira gihugu w’abigeme Intamba mu rugamba baraye baakaje urukino batsinzwe ibitsindo 3 ku 0 na Kenya mu rukino rwa kabiri mw’ihiganwa rya “CECAFA Senior Women’s Championship”, Uburundi bufise amanota 3 mu nkino 2. Intamba zizokina urukino rwa gatatu na Tanzanie, kuwa kabiri itariki 17/06/2025 isaha icenda z’umuhingamo ( mu masaha yo ngaha iwacu).Â
Abakinyi ba Kenya bararushije kuva mu ntango ufatiye ku munota wa 5 gusa w’urukino, bari bamaze gutsinda ibitsindo 2 ku 0, ikindi gitsindo cinjira ku munota wa 90′, baba batakaje amanota 3 muri iryo higanwa ry’ akarere Cecafa Senior Women’s Championship. Intamba mu Rugamba z’abigeme zavyifashemwo neza witsinze umugwi nserukiragihugu w’Ubuganda igitsindo kimwe ku busa hari igenekerezo rya 13 Ruheshi 2025 ku kibuga Azam Complex Stadium co mu gihugu ca Tanzaniya. Ico gitsindo c’abonetse ku munota wa 75 w’urukino, Habonimana Espérance umukinyi wa kera wa Buja Queens ubu akinira Police Women FC yo mu gihugu c’Urwanda, yinjije igitsindo ku mupira w’umuterekano “coup franc “. Intamba mu rugamba bawokina urukino rwa nyuma na Sudani y’epfo kuwa gatandatu 21 Ruheshi, z kuri Azam Complex Stadium.
Mwomenya ko igihugu ca Kenya cigeze gutahukana ico gikombe ca CECAFA mu mwaka wa 2019, muri kano kanya kiri ku rutonde rwa FIFA bakaba bari imbere y’ Uburundi ibibanza 36, Kenya ya 142, Uburundi bwa 178.