ImyidagaduroMumahanga

Amadou yaririmvye “Un Dimanche à Bamako” yapfuye ku myaka 70.

Amadou Bagayoko, umuririmvyi n’umucuraranzi w’umugwi w’abaririmvyi bo mu gihugu ca Mali Amadou et Mariam, yapfuye kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 04 Ndamukiza i Bamako, afise imyaka 70, ahitanwe  n’ indwara batashimye gushira ahabona. Amadou Bagayoko yamenyekanye cane ku rukurikirane basohoye bise “Un Dimanche à Bamako” ,uwo murwi yarimwo watangujwe n’umukenyezi wiwe Mariam Doumbia, bamenyekanye cane gose mu 2004. Amadou asize abana 3 n’umukenyezi.

Urwo rukurikirane (Album) rwasohowe na Manu Chao, yatumye  Amadou na Mariam umugore wiwe bashika ku rubuga rw’isi yose, amajwi avanga imigenzo ya Mali, rock, funk na electro. Indirimbo y’imbere murirwo rukurikirane yitwa Dimanche à Bamako, iguma ari indirimbo y’agaciro mu ndirimbo zabo. Iyo ndirimbo ntiyakunzwe cane gusa ahubwo yararonse kandi agashimwe k’umuziki mu 2005, mu rwego rw’umuziki kw’isi yose. Ico gikorwa c’umuziki carahinduye cane abo babiri, kuko bari bamaze gutera imbere mu Bufaransa mu 1998 n’indirimbo yabo yitwa “Je Pense à Toi”. Ariko mu mwaka w’2004 niho ubuzima bwabo bwatera imbere kw’isi yose.

Amadou na Mariam ntibari bazwi gusa kubera ubuhinga bwabo budasanzwe. Bompi bari impumyi, bahuriye mu 1976 mu kigo c’abakiri bato b’impumyi i Bamako muri Mali. Muri iryo koraniro niho havutse inkuru y’urukundo n’umuziki yobaye ikimenyetso c’amateka y’isi y’umuziki. Uguvangura kwabo kw’indirimbo za kera z’Afrika n’amajwi y’iki gihe kwatumye abantu benshi bakunda umuziki wo kw’isi yose, bituma baba aba ambasaderi b’umuziki wa Mali ku rwego mpuzamakungu.
Amadou and Mariam performed the official FIFA anthem 'Celebrate the Day' at the 2006 World Cup
Amadou na Mariam baririmvye indirimbo ya FIFA yitwa ‘Celebrate the Day’ mu gikombe c’isi co mu 2006. ( Photo AFP)
Uko ari babiri bakoranye kandi n’abaririmvyi bazwi kw’isi yose, harimwo Damon Albarn umuyobozi nyene Blur na Gorillaz, bahawe gushika mu gice ca mbere muri Coldplay mu 2009 na U2 mu 2011. Mu 2009, baririmvye muri Prix Nobel mu birori imbere ya Barack Obama yatwaye Amerika hari igihe kidasanzwe kuribo vyerekanye cane agaciro bafise mu gufasha kuryohera abantu ku rwego rw’isi yose. Ingendo mpuzamakungu n’indirimbo zabo zitazokwibagirana vyatumye bakora indirimbo zo kuremesha abari mubihe bimeze nabi bari kumwe na Stevie Wonder na David Gilmour, kandi bagashikira abakunzi amamiliyoni kw’isi yose.
Amadou yabwiye ikinyamakuru AFP mu mwaka w’2024 ati: “Hari abaririmvyi benshi, abahinga mu vy’ubuhinga bw’amasanamu benshi. Kandi Barack Obama yaraje kudusanganira”. Mariam yongeyeko ati: “Twaravuganye gatoyi. Barack Obama yatubwiye ko akunda umuziki wacu. Umuziki wa Mali na wo nyene. Twaranezerewe cane cane.” Uretse gutorwa tukaronka agashimwe ka Grammy mu mwaka w’2010, Amadou & Mariam bararonse kandi agashimwe  kiradiyo ya BBC no mu bundi bushimwe bw’umuziki w’Ubufaransa.
Amadou na Mariam baragurishije indirimbo zirenga miliyoni, kandi indirimbo zabo zirabandanya gukundwa n’abantu batari bake. Amadou na Mariam baherutse gusohora indirimbo nziza cane, yitwa “La Vie Est Belle”, muri Nzero 2024, bikaba ari ikimenyetso ca nyuma co gushimira ubuzima bwabo bwo kuririmba.
Kuva hamenyekanye urupfu rwiwe barungitse ubutumwa bwinshi harimwo Manu Chao, yakoze urukurikirane  “Un Dimanche à Bamako”, yanditse ku mbuga ngurukanabumenyi ati: “Amadou! Tuzokwama turi kumwe… Nawe, aho uzoja hose. Mariam, Sam, umuryango wose, umubabaro wawe ni umubabaro wanje. Ndagukunda. »
Amadou asize umukenyezi wiwe Mariam n’abana babo batatu, hamwe n’iragi ry’umuziki rinini cane kandi ridahinduka kw’isi yose.

 

 

Related posts

Vatikano: Umwotsi wirabura werekana ko ata papa yatowe.

Yvan Manager

Mamelodi Sundowns izotanga ihadabu ya 100.000 $ kubera abakunzi bayo bashamiranye.

Yvan Manager

Elon Musk yahevye DOGE, asubira mu gukurikirana ubudandaji bwiwe.

Yvan Manager

Leave a Comment