Amadou Bagayoko, umuririmvyi n’umucuraranzi w’umugwi w’abaririmvyi bo mu gihugu ca Mali Amadou et Mariam, yapfuye kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 04 Ndamukiza i Bamako, afise imyaka 70, ahitanwe n’ indwara batashimye gushira ahabona. Amadou Bagayoko yamenyekanye cane ku rukurikirane basohoye bise “Un Dimanche à Bamako” ,uwo murwi yarimwo watangujwe n’umukenyezi wiwe Mariam Doumbia, bamenyekanye cane gose mu 2004. Amadou asize abana 3 n’umukenyezi.
Urwo rukurikirane (Album) rwasohowe na Manu Chao, yatumye Amadou na Mariam umugore wiwe bashika ku rubuga rw’isi yose, amajwi avanga imigenzo ya Mali, rock, funk na electro. Indirimbo y’imbere murirwo rukurikirane yitwa Dimanche à Bamako, iguma ari indirimbo y’agaciro mu ndirimbo zabo. Iyo ndirimbo ntiyakunzwe cane gusa ahubwo yararonse kandi agashimwe k’umuziki mu 2005, mu rwego rw’umuziki kw’isi yose. Ico gikorwa c’umuziki carahinduye cane abo babiri, kuko bari bamaze gutera imbere mu Bufaransa mu 1998 n’indirimbo yabo yitwa “Je Pense à Toi”. Ariko mu mwaka w’2004 niho ubuzima bwabo bwatera imbere kw’isi yose.

