Politike

Abashikiranganji bashasha barahiye icese imbere y’Umukuru w’igihugu.

Kuri uyu wa 3 gitugutu 2023, abashikiranganji bashasha 4 barahiye imbere y’Umukuru w’Igihugu n’Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka, nkuko Ibwirizwa Nshingiro ribivuga. Abo nabo ni uwujejwe amagara y’Abantu, uw’uburimyi, uw’urwaruka hamwe n’uw’abakozi ba Reta n’akazi. Ivyo birori vyo kurahira icese ngo batangure amabanga, vyabereye i Bujumbura mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe, inyuma y’aho abo Bashikiranganji baraye bagenywe n’itegeko ry’Umukuru w’Igihugu nomero 100/200, ryo kuwa 2 gitugutu 2023.

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bugiye kurongorwa na Lidouine Baradahana. Asubiriye Sylvie Nzeyimana. Isanamu tuyakesha ibiro vy’Umukuru w’Igihugu.

Prosper Dodiko niwe agiye kuramutswa ubushikiranganji bw’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi. Asubiriye Sanctus Niragira.

Venuste Muyabaga asuburiye Déo Rusengwamihigo mu bushikiranganji bw’abakozi n’akazi.

Gervais Abayeho niwe agiye kurongora ubushikiranganji bujejwe iyinjira ry’Uburundi mu muryango wa Afrika y’ubuseruko. Asubiriye Ézéchiel Nibigira yahora aramutswa ubwo bushikiranganji.

Inyuma yivyo bikorwa vyo kurahira icese, reta nshasha irikumwe niyahahora yama yifotoza isanamu barikumwe n’Umukuru w’Igihugu imbere y’Inama Nshingamateka.

Related posts

Abaserukira ibihugu vyabo bane bahaye Umukuru w’Igihugu amakete abagena mu mabanga.

Buja Media

Batatu mu bari mu nzego nyobozi z’Umugambwe CNDD-FDD basubirijwe.

Buja Media

Ibiharuro vy’imfatakibaza vy’amatora y’abajenama ba komine vyagiye ahabona.

Buja Media

Leave a Comment