
Mu kwa mbere, ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw’Ubwongereza bwavuze buti: “Wagner ubu ata gukekeranya ufise abarwanyi 50.000 muri Ukraine kandi uriko ugira uruhara rudasanzwe mu ntambara ya Ukraine”. Ubu bushikiranganji bwavuze ko uno muhari watanguye kwinjiza abarwanyi ku bwinshi mu 2022 kubera Uburusiya bwari mu bibazo vyo kuronka abarwanyi binjira mu gisirikare. Hafi 80% vy’ingabo za Wagner bava mu mabohero, nk’uko Inama nkuru y’umutekano ya Amerika yabivuze mu ntango z’uno mwaka. N’aho abacangero batemewe n’amategeko mu Burusiya, umuhari Wagner waranditswe mu bitabo nk’ikompanyi yemewe n’amategeko mu 2022, mbere uca wugurura n’ibiro bikuru mu gisagara ca Saint Petersburg. Dr Samuel Ramani wo mw’ishirahamwe ry’abahinga Royal United Services Institute avuga ati: “Urinjiza abarwanyi ku mugaragaro mu bisagara vy’Uburusiya, ugacisha amatangazo ku vyapa, mbere ibinyamakuru vyo mu Burusiya bikaba biwita ishirahamwe ry’intwari”.