ImibanoMumahanga

Yaga yahagaritswe ivy’agateganyo na CNC.

Urubuga rw’abanditsi Yaga bahagaritswe ivy’agateganyo n’Inama nkuru y’igihugu ijejwe kugenzura uko ibimenyeshamakuru bikora CNC intandaro ya vyose ngo ni uko ishirahamwe risanzwe riserukira ico kinyamakuru AJEBUDI ryatanze amadosiye adakwije ibisabwa harimwo urupapuro rw’amagendo rwemeza yuko iyo shirahamwe ryemerewe gukora ku mugaragaro n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu ari na bwo busanzwe bujejwe gutanga impusha z’amashirahamwe akorera mu gihugu. Ibimenyeshamakuru 4 vyarugawe, 2 vyemererwa gukora
Munama yabaye kuwa 27 Ntwarante, Espérance Ndayizeye mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, uwo arongoye CNC yamenyesheje ingingo bafashe harimwo n’ibindi binyamakuru vyugawe kubera bitariko birakoresha uruhusha vyahawe mu gihe hari abandi bazikeneye nka: Radio International University of Equator, Télévision Burundi Bwiza na Mawingu TV. Kurundi ruhande hari ibinyamakuru 2 vyemerewe gukora niyo nama nkuru y’igihugu ijejwe kugenzura uko ibimenyeshamakuru bikora  na vyo ni ikinyamakuru Look Media Burundi na Radio Shalom FM. Bikaba vyemerewe inyuma y’ibisabo vy’ababirongoye.
Image
Itangazo bashize kurubuga rwa X inyuma yokuva bahagaritswe.
Kuruhande rw’ urubuga rw’abanditsi Yaga bamenyesha yuko bagiye kuja hamwe na CNC kugira baronke amakuru akwiye kuriyo ngingo bafatiwe.

Related posts

RDC-Rwanda : Bikuru bikuru biri mu masezerano agiye guterwako umukono.

Yvan Manager

Amaziko ya Papa Fransisko azoba kuwa 26 Ndamukiza muri Bazilika ya Mariya mweranda.

Yvan Manager

Ndabakenga Daniel yatanguje igikino “Ninde” bamusezeye ubwa nyuma.

Yvan Manager

Leave a Comment