MumahangaPolitike

Umurundikazi Tabitha Mukamusoni umukandida w’umugambwe PLC mu gisagara ca Moose Jaw–Lake Centre–Lanigan muri CANADA.

Umurundikazi Tabitha Mukamusoni yipfuza kwitoza mu mugambwe Liberal PLC wo mu gihugu ca Canada mu ntara ya Moose Jaw-Lake Centre-Lanigan, yashitse murico gihugu mu 2016,yahoze ari umumenyeshamakuru muri VOA ijwi ry’Amerika mu gisata co gutanga amakuru. Urugendo rwiwe rw’ubuzima rwabaye urw’ubutwari, ukwitanga, n’ukwiyemeza cane guha ijwi abatagira ijwi. Tabitha yiyemeje kubaronsa ubuzi bwiza.

Tabitha amaze gushika muri Canada mu 2016, yarakoze nk’umunyamakuru, akoresheje ubumenyi bwinshi yaronse mu kiringo yari mu kinyamakuru VOA. Hanyuma, aba umuyobozi wa Radio CFRG, iradiyo y’abanyagihugu bavuga igifaransa i Gravelbourg, n’ishirahamwe ry’abanyagihugu ry’i Gravelbourg (ACFG). Muriyo ntumbero yiwe, yarafashije cane mu gutoza no guhanura abantu benshi bava hirya no hino muri Canada mu bijanye n’ugutangaza amakuru. Uburongozi bwiwe bwafashije gushinga iyo radiyo ngo ibe ahantu ho gukorera ibiganiro vyo mu karere, kugira ngo mu kibano bashobore kuronka urubuga rwo kwumvirizwa.

Biciye mu bikorwa yakoranye na ACFG, yaragira uruhara kandi runini mu guteza imbere ubucuti no gufasha abimukira bashasha kwinjira mu kibano. Yarafashije abashasha kwimenyereza aho bari bashasha murivyo bihugu kwumva ko bakiriwe neza mu buzima bushasha.Kuba mu gisagara gitoyi nka Gravelbourg vyatumye Tabitha yegera abantu bo mu kibano, bimufasha gutahura neza ingorane ziri mu bidukikije vyo mu misozi. Uwo muvyeyi w’abana bane, arazi neza ivyo imiryango yo mu karere ikeneye kandi aratahura ukuri kw’ubuzima bwa abanyagihugu babayemwo muriyo ntara agiye kuzokwitozamwo.

Nk’umukandida w’umugambwe Liberal mu gisagara ca Moose Jaw–Lake Centre–Lanigan, Tabitha yiyemeje gutuma abantu baronka akazi keza, gufasha imiryango yo mu karere n’ubudandaji buto buto, no kwubaka kazoza keza kuri bose. Ariteze gukorana na Mark Carney mu gukomeza gukorana  n’abantu bari mu bibanza bigereranye, gushigikira iterambere ry’ivyaro no guteza imbere ubutunzi bufitiye akamaro bose.

Mwomenya yuko muruwo mugambwe nyene PLC ariwo watanze umurundikazi Kayabaga Arielle kuba umushikiranganji w’intwaro yo hagati murico gihugu hari mu ntango kuwa 14 Ntwarante 2025.

Related posts

Yevgeny Prigozhin yoba yitavye Imana?

Yvan Manager

Abasirikare ba SADC bagiye kuva mu Buseruko bwa Congo.

Yvan Manager

Igihugu ca Somalie cemerewe kwinjira mu muryango wa EAC.

Yvan Manager

Leave a Comment