InkinoMumahanga

Sénégal – Égypte: Uguhangana kwa Salah na Mané ninde azagushika muri finale ya CAN2025?

Igikombe c’Afrika (CAN) ca 2025 kigiye kwinjira mu bitoroshe ariko binezereza abakunzi bu mukino w’amagurur, aho Sénégal na Égypte bahurira uno mugoroba mu mukino wa kimwe ca kabiri c’ihiganwa, mu rukino rwo ku rwego rwo hejuru cane. Uyu mukino uzorangwa cane n’uguhangana kw’abakinyi babiri bakomeye, Mohamed Salah na Sadio Mané, ibihangange vy’umupira w’amaguru ku rwego rw’Afurika no kw’isi yose. Iza gutagura isaha zibiri z’ijoro ku masaha yo mu Burundi.

Uyu mukino w’intsinzi n’intsindwa wibutsa umukino wa nyuma wa CAN 2021, warangijwe n’intsinzi ya Sénégal ku ntsinzi za pénalty. Utegerezwa kuba urupapuro rushasha rw’ihiganwa rimaze kuba umugenzo mu mupira w’amaguru wo ku mugabane wa Afrika. Ku ruhande rumwe, Sénégal, ifise igikombe ca nyuma, yinjira mu mukino ifise ishaka ryo gusubira gutsinda , ishigikiwe n’umugwi uzi gukina hamwe n’inyuma ikomeye cane. Ku rundi ruhande, Égypte, igihugu gifise ibikombe vyinshi muri CAN, yizigira  uburambe ndetse n’ubumenyi bwayo bwa kera budasanzwe bwa Mohamed Salah kugira yisubize ijuja n’ijambo ifise muri afrika.Sadio Mané, umukinyi afise kahise keza ndtse na kubu mu murwi wa Sénégal, aserukira umutima w’umugwi urondera kwemezagutsinda uyu munsi . Imbere yiwe, Mohamed Salah, kizigenza w’Abapharaon, afatwa nkumukinyi mwiza bafise muri Égypte, biyemeje gusubira gushira igihugu cabo ku rwego rwo hejuru rw’umupira w’amaguru wa Afrika.

Uretse uguhangana kw’abantu ku giti cabo hagati yaba bakinyi babiri, uyu mukino wi gice ca mbere gishira ica kabiri utegerezwa kuba intambara ikomeye y’ubuhinga, ubumenyi, kumenya neza gusoma urukino kuruhande rw’abamenyereza no gukoresha neza umwanya. Ikintu kimwe ni co kidakekeranywa: hagati ya Sénégal na Égypte, si umukino w’umupira w’amaguru gusa uzoba uriko urakinwa, ahubwo ni intambara ya kahise, icubahiro n’itike yo gushika ku mukino wa nyuma wa CAN 2025.

Related posts

Primus Ligue Burundi: Hinjiye ibitsindo 21, Aigle Noir yagumye mu kibanza ca 1.

Yvan Manager

Uwuzotanga amakuru yo gufata umukuru wa ADF, Amerika izomuha imiriyoni 5$.

Yvan Manager

Volleyball: Muzinga iratwaye igikombe mu bigeme.

Buja Media

Leave a Comment