Umumenyereza w’Intamba mu Rugamba Sangwa Mayani Patrick yaragize icavuga abicishije kur rubuga rwiwe rwa Instagram mu gihe yarahejeje gutakaza inkino 4 atakaza amanota, abakurikirana hagufi ivy’umupira w’amaguru baragize ivyo bashikiriza bitandukanye. Ugutsindwa murizo nkino vyatumye dutakaza amahirwe yose yokuja mu gikombe c’isi yose. Patrick aramera ko gutakaza izo nkino vyamuteye agahinda kenshi ariko nubu akemeza ko Uburundi buzoja muri CAN 2027.Â
” Bakundwa bakunzi b’umupira w’amaguru mu Burundi.Umwiherero w’ukwezi kw’icumi urarangiye kandi ni umwanya wo gukuramwo ivyigwa. Imbere ya vyose, ndabasangije agahinda kenshi mfise, ako umurwi wose, eka mbere n’akabanyagihugu bose bashigikiye n’umutima w’urukundo umurwi nserukiragihugu wabo. Ndemera ntakeka inshingano z’uruhererekane rw’intsinzwi zine ziheruka. Ndabasavye ntimwagirize abakinyi. Uwurongoye uyu mugambi ni jewe, kandi ni jewe jenyene. Umugambi wanje ni uwa CAN 2027, kandi ndawemera ku bice amajana abiri kw’ijana (200%). Uyu mugambi uriko uratera imbere, n’aho ibiharuro vya vuba biterekana intambwe tugezemwo. Ego, tumaze gutsindwa inkino zine zikurikirana, ariko none ivyo vyotuma tuca duta uyu mugambi wose”?
“Ba bakunzi b’intsinzi y’ako kanya bazakwishura ata gukeka ko ari ego. Ariko abahinga nyakuri, bo bazi yuko ukwubaka umurwi ukomeye kandi urama bisaba umwanya, ibikorwa, n’ukwihangana.Kuri mwebwe muraba uko imigwi yatsindanye gusa, ndabibabwije ukuri: nimba mushaka intsinzi zidafise urukino rufise imigambi ya kazoza, zidafise n’indero ishemeye, uyu mugambi si uwanyu.Ariko nimba mwemera umurwi wubaka akaranga kawo, uburyo bw’urukino rwawo, n’imiterere yawo, ndabasaba kuguma mu bumwe inyuma y’uyu murwi.Inkino zibiri ziheruka twakinye na Gabon hamwe na Kenya zanyemeje ko turi mu nzira nziza. Ivyo bihugu biri imbere yacu ku rutonde (rw’isi), ariko twarabakubise mu rukino, tubigiranye umwete, inguvu n’intumbero.Ivyo vyerekana ko dufise ubushobozi bwo guhangana n’iyo mirwi, mbere no kuyirenga mu misi iza. Uyu mwanya si uw’ukwidoga canke kunegurana”.
“Ni umwanya wo kwisubirako, gusubira mu gikorwa, no gutegura itangura ry’inkino z’ijonjora zo mu kwezi kwa gatatu 2026, aho tuzoja kurondera intsinzi twari dukwiye gutsinda hisunzwe ukuntu twitwaye mu nkino ziheruka.Naravyivugiye kuva mu kiganiro canje ca mbere n’abamenyeshamakuru nkiza gushirwaho: nzocirwa urubanza inyuma y’inkino z’ijonjora za CAN 2027, si imbere yaho. Kandi ni jewe nzoba uwa mbere mu kwisuzuma. Ukwubaka umugambi ufise ishingiro ntibikorwa mu mezi makeyi. Umugambi w’Uburundi urabandanya, ntugarukira kuri CAN 2027. Uraba kure gusumba: ni uguhindura burundu imyumvire n’urugero rw’umupira w’amaguru mu Burundi.”