Umukuru w’Igihugu yagize urugendo ahakorera umugambi w’igihugu PAEEJ ufasha urwaruka gukora no gushira mu ngiro imigambi kugira bave mu bushomeri watagujwe n’Umukuru w’Igihugu, hari ku muhingamo wo kuri uyu wa 07/11/2023 mu ntara ya Gitega. Evariste Ndayishimiye yakurikiranye inyigisho zizomara iminsi 3, amenyesha ko icifuzo aruko ubworozi bw’inkwavu bukwira igihugu cose ati: “Twasanze ari ubworozi bwunguka cane kandi bworoshe gukora” .
Nkuko Umukurucw’Igihugu afise intumbero yuko umunwa wose woronka icurya, umufuko wose ukaronka amafaranga, Umurundi azoba yoroye urukwavu azoshobora kuronka imfungurwa ndemamubiri hamwe n’amafaranga. Turazi ko hari bamwe bariko baratwenga uwo mugambi w’ubworozi bw’inkwavu ariko abawuzi barawuzi. Abari aha mwaramaze kuwumenya. Uwuri mu ntango umengo ntaho bija, ariko hari abamaze kubona akamaro kabwo”
Izo nyigisho zizomara iminsi 3, ziriko zitangwa n’umuhinga wo mu gihugu ca Bénin, yateje imbere cane ubworozi bw’inkwavu murico gihugu hamwe no mu bindi bihugu bibanyi ati “Kworora inkwavu n’umugambi wa mbere wunguka cane. Jewe nyene ndi akarorero k’ivyo mvuga.” Agossou Senan Aziz.
Umukuru w’igihugu yasavye ashimitse urwo rwaruka gukurikirana neza izo nyigisho kuko ari bo bagiye kuba abaserukizi mu kurangura uwo mugambi. Reta y’Uburundi ngo igiye kurondera ubwoko bwiza bw’inkwavu zunguka, mu nyuma ishireho amakoperative kugira vyorohe gukurikirana ubwo bworozi, maze hamaze kuboneka umusaruro ushimishije hashirweho amahinguriro kugira umwimbu ushoke no hanze y’igihugu