Uburundi bwaraye bubuze umuhinga muri kahise Professeur Émile Mworoha yitavye Imana mu gihugu c’Ubufaransa kwivuza, amazeyo indwi 2 yagiye kwivuza,yitavye Imana afise imyaka 85. Mworoha asize bimwe mu bitabo yanditse harimwo ”Peuples et Rois d’Afrique des grands Lacs” ( Abantu n’abami bo muri Afrika mu karere k’ibiyaga bigali, ”Construire l’Etat de Droit” (Kwubaka intwaro igengwa n’amategeko).
Ikinyamakuru Buja Media cashimye kubamenyesha ivyo cashoboye kumenya kuri bike muri vyinshi yashoboye gukora. Émile Mworoha yavutse mu 1940, ku mutumba wa Ramvya muri komine Muhuta, mu ntara ya Kayanza. Yize amashure mato mu 1949 gushika 1953 muri komine Gatara, abandaniriza kuri Ecole Moyenne Pédagogique y’i Musenyi mu 1954gushika 1960, hanyuma Ecole Normale y’i Ngozi aho yahereye mu 1965. Émile Mworoha yize École Normale Supérieure i Bujumbura kuva mu 1965 gushika mu 1968, ahabwa urupapuro rw’ umutsindo rwo kwigisha histoire (kahise), géographie (indondabihugu) n’igifaransa mu mashure yisumbuye. Uwo mwaka nyene yaciye aja kwiga mu Bufaransa ibijanye na kahise, araheza aronka doctorat mu 1975.
