ImibanoMuburundi

Professeur Émile Mworoha yitavye Imana ku myaka 85.

Uburundi bwaraye bubuze umuhinga muri kahise Professeur Émile Mworoha yitavye Imana mu gihugu c’Ubufaransa kwivuza,  amazeyo indwi 2 yagiye kwivuza,yitavye Imana afise imyaka 85. Mworoha asize bimwe mu bitabo yanditse harimwo ”Peuples et Rois d’Afrique des grands Lacs” ( Abantu n’abami bo muri Afrika mu karere k’ibiyaga bigali, ”Construire l’Etat de Droit” (Kwubaka intwaro igengwa n’amategeko).

Ikinyamakuru Buja Media cashimye kubamenyesha ivyo cashoboye kumenya kuri bike muri vyinshi yashoboye gukora. Émile Mworoha yavutse mu 1940, ku mutumba wa Ramvya muri komine Muhuta, mu ntara ya Kayanza. Yize amashure mato mu 1949 gushika 1953 muri komine Gatara, abandaniriza kuri Ecole Moyenne Pédagogique y’i Musenyi mu 1954gushika 1960, hanyuma Ecole Normale y’i Ngozi aho yahereye mu 1965. Émile Mworoha yize École Normale Supérieure i Bujumbura kuva mu 1965 gushika mu 1968, ahabwa urupapuro rw’ umutsindo rwo kwigisha histoire (kahise), géographie (indondabihugu) n’igifaransa mu mashure yisumbuye. Uwo mwaka nyene yaciye aja kwiga mu Bufaransa ibijanye na kahise, araheza aronka doctorat mu 1975.

Émile Mworoha yarakoze amabanga menshi cane. Yarigishije amashure mato, yarigishije mu yisumbuye, yarigishije muri ENS mu 1975 gushika 1976, yarigishije imyaka myinshi muri Kaminuza y’Uburundi kugeza akukurutse muri 2012. Azwi kandi nk’umushakashatsi mu vya kahise, yari yubashwe mu Burundi no mu karere k’Afrika y’ubuseruko.
Isanamu ya vuba ya Émile Mworoha yari umutumire mu kiganiro IMBONEZA Talkshow.
Muri politike, Émilie Mworoha yarabaye umunyamabanga mukuru wa JRR, umushikiranganji w’urwaruka n’imico kama mu 1976 gushika 1978, umunyamabanga mukuru w’umugambwe UPRONA mu 1978 gushika 1987, Umukuru w’Inama Nshingamateka mu 1982 gushika 1987. Yarabaye mu murwi w’igihugu wize ikibazo c’ubumwe bw’abarundi mu 1988 gushika 1991. Mu 1998 gushika mu 2004, Emile Mworoha yari umushingamateka yongera atanga n’ivyigwa muri kaminuza. Yabandanije yigisha gushika aje mu karuhuko k’iza bukuru mu 2012. Ku rwego mpuzamakungu yarajejewe amabanga menshi, canecane mw’ishirahamwe ACCT ryabanjirije OIF yo muri kino gihe. Mu kiringo c’imyaka itanu (1982-1987) yari icegera c’umukuru w’ihuriro ry’ibihugu vya Bulaya be n’ibihugu vya Afrika-Caraibes-Pacifique (ACP-CEE).
Emile Mworoha yari umutohoji karuhariwe muri kahise. Mu mwaka w’2017, abigisha bagenzi we bo kuri kaminuza y’Uburundi n’amakaminuza yo hakurya y’amazi, baragiye hamwe basohora igitabo gihariwe Mworoha bise “Igice c’ikinjana ca kahise k’Uburundi”, cerekana uruhara yagize mu kwandika kahise k’Uburundi.
Ikinyamakuru Buja Media barahojeje umuryango, incuti ndetse n’abagenzi biwe.

Related posts

MissBurundi2025: Amazina y’abigeme 15 bazoja muri Finale yamaze kumenyekana.

Yvan Manager

Ihindagurika ry’ibihe ni inzitizi kw’iterambere rirama.

Buja Media

Interzone Bujumbura ku ncuro igira icenda rigiye gutagura.

Yvan Manager

Leave a Comment