Ihiganwa rya Primusic rigiye gusubira kuba ku ncuro igira 5, ku civugo “Impano yawe niyo mateka yawe” ivyo vyashikirijwe na Bernice Keza ajejwe ikinyobwa ca Primus muri Brarudi. Aho batanguza icese ibikorwa vyo kwiyandikisha ku mugaragaro, yamenyesheje yuko intumbero nyamukuru ariyo guteza imbere urwaruka rufise ingabire yo kuririmba. Uwa mbere azohabwa imiriyoni 30 no guserukira ico kinyobwa umwaka wose.
Abaririmvyi 4 nibo bazoherekeza iryo higanwa aribo Esther Nish , Kirikou A Kili , Double-jay na B-face. Kwiyandikisha vyataguye, bakazokwiyandikisha baciye k’urubuga ngurukana bumenyi rwa Facebook ya Primus canke bakazokwiyandikisha mu ntara aho bazoza gukorera uwo munsi ariko kubantu bafise imyaka 18 n’iyirenga.
Uwozotwara iryo higanwa azoronswa imiriyoni 30 z’amarundi hamwe no guserukira ico kinyobwa umwaka wose, uwa kabiri imiriyoni 15 uwa gatatu azoronka imiriyoni 5. Intara ya mbere bazokoreramwo azoba ari Muyinga igenekerezo rya 07 Ruheshi 2023, igice ca nyuma ciryo higanwa kikazobera mu ntara ya Gitega igenekerezo rya 30 Mukakaro 2023.
Ivyo bishitse ni mu gihe iryo higanwa ryataguye mu 2012 ritahukanwa n’umuririmvyi Rally Joe, Patient Matabaro mu 2013, ku ncuro ya 3 itwarwa na Christian Ninteretse mu 2014 ariko rikaba ryaheruka kuba mu 2019 aho ryatahukanywe n’umwigeme Tetero Laurette ahabwa imiriyoni 25 z’amarundi, yarafise ico gihe imyaka 19.