MumahangaUbutungane

Nicolas Sarkozy yarekuwe ivyagateganyo inyuma yo gufungwa iminsi 20.

Inyuma y’imisi 20 mw’ibohero, Nicolas Sarkozy yarafunzwe ariko arakurikirwa n’ubutungane, yavuye mw’ibohero i Paris kuruyu musi wa mbere. Mbere y’aho, sentare y’i Paris yari yemeye igisabwa c’uwahoze ari umukuru w’igihugu co kurekurwa, inyuya yafunzwe kuva kw’igenekerezo rya 21 Gitugutu, ukurekurwa kwiwe kuzoba gukurikiranwa n’ubutungane.

Nicolas Sarkozy yarekuwe mw’ibohero ku wa mbere igenekerezo rya 10 Munyonyo, inyuma yo gufungwa inyuma y’aho ahamwe n’icaha c’amahera ya Libiya yerekeye amatora yiwe yo gutora umukuru w’igihugu. Inyuma y’imisi 20 ari mw’ibohero, uwo yahora ari umukuru w’igihugu yaravuye mw’ibohero rya La Santé akurikije ingingo y’ubutungane kwemera ivyo yasavye ngo arekurwe.Ukwo kurekurwa kuzoba kugenzurwa n’ubutungane. Ubutungane bwashizeho itegeko ryagutse ry’ukudahura n’umuntu”, harimwo n’umushikiranganji w’ubutungane Gérald Darmanin, nuku gukurikirana ingendo zose akora. Nicolas Sarkozy yavuye mw’ibohero ari mu modoka ifise ibiyo bitabona, aherekejwe n’abapolisi bagendera ku mapikipiki, kugira ngo asubire i muhira iwe mu ntara ya 16.

Ingingo y’ubutungane yi Paris yaje amasaha makeyi inyuma y’urubanza rwo gusuzuma ikirego ca Nicolas Sarkozy co kurekurwa. Aba shirwamaza biwe bari baratanze ico gisabisho mu minota mikeyi gusa amaze gufatwa mw’ibohero rya La Santé i Paris ku wa 21 Gitugutu.

Related posts

Imyaka 50 ishirahamwe CEDEAO ribayeho.

Buja Media

Tanzaniya: Urubuga rwa X rwahagaritswe inyuma yo kwiba urubuga X rwa reta.

Buja Media

Arielle Kayabaga umushikiranganji mushasha w’intwaro yo hagati mu gihugu muri reta ya Canada.

Buja Media

Leave a Comment