Minani Désiré yemejwe n’inama Nkenguzamateka kuba Buramatari w’intara ya Ngozi yatowe ku majwi ijana kw’ijana, yavukiye ku mutumba Gatika, Zone Rukeco, muri komine Busiga mu ntara ya Ngozi. Afise impamyabushobozi mu vyigwa vy’ubutunzi kuri Kaminuza y’Uburundi. Afise kandi Impamyabushobozi ya Mastère mu vyigwa vyo gutunganya imigambi.Yarakoze mw’ihinguriro Brarudi , arakorera mw’ishirahamwe Burundi Brewery. Mu nyuma yaciye atangura gukora ivyiwe, uwo bita umu Consultant. Bivugwa ko yagize mu kuvukisha Cooperative AJADEBU, hamwe na Cooperative Sangwe.
Mu gisata c’ubuvuzi, amakuru twaronse avuga ko uwo agiye kuba buramatari mushasha w’intara ya Ngozi afise ivuriro ryigenga ryo ku rugero rwa Clinique riri mu Ntara ya Bubanza.
Désiré Minani azoba abaye buramatari agira gatatu arongoye intara ya Ngozi mu kiringo kidashika imyaka itanu.
Izina ryiwe ryemejwe kugira ngo asubirire Emmanuel Ntaconsanze yahora arongoye iyo ntara. Mu nama iheruka kubera mu ntara ya Gitega, Umukuru w’Igihugu akaba yari yamuneguye kubona ataratanga imihoho kandi hibonekeje ubunenge mw’itangwa ry’isukari mu ntara iwe. Insiguro yatanze ntizanyuze Umukuru w’Igihugu.