MumahangaPolitike

Namibie: Netumbo Nandi yarahiye kuba Umukuru w’igihugu wa mbere w’umugore.

Netumbo Nandi-Ndaitwah yarahiye ku mugaragaro agiye kuba umukuru w’igihugu mushasha wa Namimbiya kandi w’umukenyezi ni ubwa mbere bibaye kuva ico gihugu cikukiye hari uyu munsi wa gatanu i Windhoek, umugwa mukuru w’ico gihugu, inyuma y’amatora atavuzweko rumwe mu kwezi kwa cumi na rimwe mu mwaka uheze. Abakuru b’ibihugu vya Afrika batari bake bari bitavye ivyo birori. Muri bo harimwo abakuru b’ibihugu vya Afrika y’epfo, Angola na Tanzaniya kirongowe n’umupfasoni. 

Netumbo Nandi-Ndaitwah, abaye Umukuru w’igihugu wa gatanu wa Namibia kuva ico gihugu kibonye intahe yo kwikukira, n’umunsi ugiye muri kahise kico gihugu.
Mw’ijambo ryiwe yashimye abamubanjirije, Ellen Johnson Sirleaf wo muri Liberia, Samia Suluhu Hassan wo muri Tanzania. Avuga ati: “Baramfashije kwiteza imbere.” Nandi-Ndaitwah yashimiye kandi abashinze Namibiya, Sam Nujoma, yitavye Imana mu ndwi zitatu ziheze, hamwe na Hage Geingob, yitavye Imana mu mwaka uheze.

“Ikiringo gishasha kiratangura”
Netumbo yashimiye uwo yasubiriye, Nangolo Mbumba, yongera asubiramwo rimwe mu majambo yiwe: “Ikiringo gishasha kiriko kiratangura mu gihugu cacu ciza”. Mu ntumbero yo kwubaka kuri ico kiringo gishasha, gishira imbere ivyiyumviro vyayo: guhuza abenegihugu, kuronderera abatagira ubuzi, gukomeza igisata c’indero, ikiruta vyose, kurwanya igiturire.

Namibie : Netumbo Nandi-Ndaitwah devient la première femme présidente ...Netumbo Nandi-Ndaitwah na we nyene ntarwanya abatavuga rumwe n’ubutegetsi. “Nzokorera Abanyanamibiya bose, hatitawe ku bwoko bwabo. Sinatowe kubera ko ndi umukenyezi, ariko kubera ko nshoboye.” Ni ubutumwa bukomeye, n’ijambo ryo kuremesha abandi bapfasoni bahamagariwe gutera ikirenge mu ciwe. Ico kimenyetso cari kirenze imbibe, mu bihugu vyose vyo mu bumanuko bwa Afrika.

Netumbo Nandi-Ndaitwah bamutazira ”NNN” afise imyaka 73, ava mu muryango w’abakozi b’Imana bo mw’idini rya Abangirikane yari umwana w’icenda mu muryango w’abana 13. Nandi yinjiye muri politike akiri muto afise imyaka 14. Ntiyatevye kuba umukuru w’ishirahamwe SWAPO’s Youth Movement, rirwanira guhagarika ukwigarurira Afrika y’Epfo.

Related posts

Varisito Ndayishimiye uko yakiriwe ashitse Serbie.

Yvan Manager

Mark Carney umushikiranganji wa mbere mushasha wa Canada yatowe ku majwi 85,9.

Yvan Manager

Paul Kagame yakiriye ubutumwa bwa mugenziwe w’Uburundi.

Yvan Manager

Leave a Comment