Ubutunzi

Meri ya Bujumbura yataguye gusuzuma abadandaza ibasaba ko bomenyekanisha ivyo bakora.

Kuruyu wa mbere igenekerezo rya 30 Gitugutu, abakozi ba meri ya Bujumbura bataguye isekeza ryo kugwiza umwimbu mu kumenya abatangakori n’abatangatagisi atangwa mu gisagara ca Bujumbura, abakoze iryo sekeza bari bambaye umwambaro ubaranga n’urupapuro rwerekana igikorwa kibajanye bagikoze ku nzu kunzu aho bandika izina ry’umutangakori n’ikintu cose gitangishwa ikori canke itagisi, vyataguriye muri komine Mukaza, bikazomara amezi 4.
Abenegihugu basabwa kworohereza abo bakozi no kubaha amakuru ajanye nivyo bikorwa atanakimwe basimvye kuko uwuzohirahira akabesha bifashwe azohanwa bijanye n’amategeko.
Umukuru w’igisagara yamenyesheje ko umugambi wa nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu aho igihugu cacu kizoba cifashe muri 2040 n’igihugu cifashe muri 2060 ivyo bitoshoboka hamwe amakori n’amatagisi atotangwa neza. Yahamagariye abanyagisagara gutanga ikori n’itagisi kuko rimugarukako biciye mubikorwa vy’iterambere rusangi nk’amabarabara n’amavuriro.
Muri ico gikorwa abajejwe intwaro basabwa kurarika abenegihugu bose kucitabira uwutabobetse akabisigira uwumusubirira. Uwuzica amatwi n’ubuyobozi bw’igisagara ntibuzomwihanganira. Abjejwe intwaro basabwa kandi gushigikira abakozi bari kurubuga hamwe n’abajejwe umutekano basabwe kubaba hafi no kubakingira. Abari kwico gikorwa basabwe gutanga raporo kumusi kumusi waho ibikorwa bigeze.

Related posts

Abenegihugu bo hagati mu gihugu bataguye gutwara inoti guhiduza kuma zone.

Yvan Manager

N.Gervais ahamagarira abenegihugu kubika amahera muri Twikangure Microfinance, bakayakura mu mazu.

Yvan Manager

Edouard.N Bigendako yagenywe kuba Umuyobozi mushasha w’ ibanki BRB.

Yvan Manager

Leave a Comment