MumahangaPolitike

Kim Yong-nam, uwahoze ari Umukuru w’Igihugu ca Corée du Nord, yitavye Imana ku myaka 97

Kim Yong-nam, yahoze ari umukuru w’Inama Nkenguzamateka ya Corée du Nord, yitavye Imana afise imyaka 97, nk’uko vyatangajwe n’ibimenyeshamakuru vya leta ku wa kabiri, igenekerezo rya 4 Munyonyo. Nk’uko bishikirizwa na KCNA, umutima wiwe warahagaze. Yaramaze imyaka irenga 20 (1998–2019) arongoye iyo Nama Nkenguzamateka, ari na yo mw’itegeko ifatwa nk’ubuyobozi bw’igihugu, naho ukuri kose kw’ubutegetsi gushirwa mu minwe ya Kim Jong-un n’umuryango wiwe wa hafi cane.Yagize uruhara mu gutangura kwiyunga hagati ya Koreya y’Epfo n’iy’amaja ruguru.

Mu mwaka wa 2018, Kim Yong-nam yayoboye intumwa za Koreya ya ruguru mu birori vyo gutangura inkino za Olympique z’ugutumburako JO d’hiver zabereye muri Pyeongchang, muri Koreya y’Epfo. Muri iyo ntumwa harimwo n’umuvukanyi w’umukobwa wa Kim Jong-un, Kim Yo-jong.Mu gihe c’urwo rugendo, yarasangiye ibiganiro n’abategetsi bo muri Koreya y’Epfo, aho yanabaye inkinzo yo guharanira ikibanza c’icubahiro Kim Yo-jong. Ico gikorwa cafashwe n’abatari bake nk’igituma yashoboye kuguma ku butegetsi igihe kirekire mu gisata ca politike ya Pyongyang izwi ko itigera imbabazi mu gihe c’impinduka.

Umukuru wa Koreya ya ruguru Kim Jong-un ahagaze imbere y’isandugu ya Kim Yong-nam.

Impande zavuye mu bushikiranganji bujejwe ubumwe hagati ya Koreya zibiri yamenyesheje ko Kim Yong-nam yigeze kugira ibiganiro vy’ingirakamaro ku mahoro mu kigobe ca Koreya, mu biganiro bagize i Pyongyang mu 2005 no mu 2018.Uwo mushikiranganji, Chung Dong-young, yavuze ko urwo rugendo rwa Kim Yong-nam mu 2018 rwafashije cane mu kwugurura inzira y’ibiganiro hagati ya Koreya zibiri.

Kim Jong-un, umukuru wa Koreya ya Ruguru, yagiye kwifadikanya n’umuryango wa nyakwigendera, imbere y’isandugu ya Kim Yong-nam, aho yagaragaje “akababaro kadasanzwe,” nk’uko vyavuzwe na KCNA. Ifoto yerekana Kim Jong-un ari kumwe n’abandi bategetsi bakomeye, bashigikiye urupfu rwa Kim Yong-nam imbere y’isandugu y’icamazi.

Related posts

Zelensky : ‘’Ntibashobora gufata igisagara Bakhmut tugihari’’.

Yvan Manager

Jean Jacques Boissy azokinira Milwaukee Bucks muri NBA Summer League.

Yvan Manager

CPI yasohoye umutahe kuri Vladimir Putin imwagiriza guhohotera agateka k’abana.

Yvan Manager

Leave a Comment