MumahangaPolitike

Kenya: Raila Odinga yahoze ari umushikiranganji wa mbere yitavye Imana ku myaka 80.

Abatari bake haba muri Afrika ndetse no kw’isi yose bakiriye n’akababaro inkuru y’urupfu rwa Raila Amolo Odinga kuwa 15 Gitugutu 2025, yapfuye afise imyaka 80, ahitanwe n’irwara y’umutima igihe yari mu gihugu c’Ubuhindi. Umukuru w’igihugu ca Kenya William Ruto yamenyesheje indwi yose y’ikiriyo c’igihugu Buja Media irabamenyesha bimwe bikuru bikuru  vyamuranze kuva mu buto bwiwe gushika ashegere.

Raila Odinga yavutse ku wa 7 Nzero 1945 i Maseno, mu burengero bwa Kenya. Ni umuhungu wa Jaramogi Oginga Odinga, uwabaye icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu ca Kenya camaze kwikukira. Yigiye mu Budagi bwo mu buseruko mu gisata c’ubuhinga bwa tekiniki, hanyuma agaruka muri Kenya kwinjira muri poritike.

Ukwitanga muri poritike n’ugufungwa

Mu myaka ya 1980, Raila Odinga yatanguye kwiyamiriza ubutegetsi bwa Daniel arap Moi. Mu 1982, yarafashwe yagirizwa uruhara mw’ihirikwa ry’ubutegetsi, aca amara imyaka myinshi afunzwe mu mabohero akomeye. Yagiye arashikiriza ibihe bikomeye vyamushikiye, harimwo ugukubitwa n’ukubabazwa mu buryo bukomeye.Yararekuwe mu 1988, aca yinjira mu rugamba rw’ugushigikira umuzo w’imigambwe myinshi n’uguharanira ko ibwirizwa nshingiro rihinyanyurwa.Odinga yitoje incuro nyinshi ku mwanya w’Umukuru w’Igihugu (mu 1997, 2007, 2013, 2017 na 2022), ariko nta mahigwe yagize yo gushikira ubutegetsi. Intambwe ikomeye yateye yabaye mu 2008, aho yahawe amabanga ya Minisitiri wa mbere mu gihugu, biciye mu masezerano y’ubumwe hagati y’imigambwe myinshi, inyuma y’ubwicanyi bwakurikiye amatora yo mu 2007.Yagize kandi uruhara rudasanzwe mw’iyemezwa ry’ibwirizwa nshingiro rishasha rya Kenya mu 2010.N’aho yahura n’ingorane nyinshi, Odinga yagumye ari indongozi ikomeye muri poritike ya Kenya: umuhinga mu gutegura imigambi, umuvugizi w’akaroruhore,mu gusangira ivyiyumviro n’abanyagihugu.

Peut être une image de une personne ou plus et estrade
Raila Odinga yari mu Burundi gusaba ijwi Evariste Ndayishimiye atware UA.

Imyaka ya nyuma n’ivyo asize ashire inyuma

Mu 2024–2025, Odinga yari yipfuza kuyobora Komisiyo y’Umuryango w’Ubumwe bwa Afrika, ariko ntivyamukundira. Mu kwezi kwa Gitugutu 2025, yitavye Imana ari mu Buhindi, aho yikubise hasi ariko akabura ico yishura kubari baje kumutabara.Umukuru w’igihugu ca Kenya William Ruto yamenyesheje indwi yose y’ikiriyo c’igihugu, yongera ashimagiza Odinga nk’“ikirangirire mu rugamba rwa demokarasi”, avuga ko ico yashikanye gihanze imbibe za Kenya.Raila Odinga asize izina ryiza muri poritike y’igihugu: yaharaniye ko habaho imigambwe myinshi, atanze uruhara rudasanzwe mu kubona uyu munsi ico gihugu kiri mu nzira nziza ya majambere  ndetse na Politike kandi yagumye ari icitegererezo c’ukudahebura ku rwaruka rwo muri Afrika.

Related posts

Kirsty Coventry umukenyezi wa mbere atwaye CIO kandi w’umunyafrika.

Yvan Manager

IBIHUGU VY’AFRIKA BIKOMEZA IMIGENDERANIRE MU VY’UBUHINGA.

Buja Media

Hiroshi Ichigaya yakoze ikoti yo kwambara ikingira ubushuhe m’ubuyapani.

Yvan Manager

Leave a Comment