Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yarashikirije ijambo mu nama ya bose ihuza ibihugu bihurikiye muri ONU mu gihe hariko haraba inama idasanzwe igiri 78 y’umuryango wa ONU kuva ku wa 19 gushika ku wa 26/09/2023.
Umushikiranganji wa mbere Gervais NDIRAKOBUCA yahaye umubonano intumwa z’ibanki y’isi yose zikaba zari zirongowe n’uwuserukira ibanki y’isi mu Burundi Hawa Cissé Wague, ibanki y’isi yose igiye gushigikira reta y’uburundi mu mafaranga izokoresha kumwaka kumwaka
Mu gihe hariko harazunguruka “ibihuha” muma bus n’ahandi ko ibiciro vy’ibitoro bigire biduzwe, Umushikiranganji Ibrahim Uwizeye ajejwe amasoko ntanganguvu arabibeshuza ko atari vyo. Agasaba inzego zibijejwe gutuza “iyo ngendo yo gushaka guhungabanya ubutunzi bw’igihugu”.
Ihuriro ry’urwaruka rw’incabwenge rufashwe mumugongo n’umugambi PAEEJ ryagarutse ku ncuro ya gatatu,,rikaba ryatunganirijwe mu gisagara ca Bujumbura n’ubushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo urwaruka biciye mu kigo PAEEJ.
Mu ntara ya Ruyigi, mu kiruhuko kirangiye, abanyeshure barakoze birashimwa, amafuru menshi bakoze yatumye n’ibeyi ry’itafari rikoroka.
Buramatari w’intara ya Muyinga yagarukiye ku bahuye n’umuriro kw’iseminari ntoya y’i Muyinga Imatela 14, amashuka 16 (16 paires), amakarato 16 y’amasabune, amakaye 160, imifuko 4 y’isukari, amavuta yo kwisiga, colgate, indobo 32, amakaramu 90 niko gaseke, Buramatari w’intara ya Muyinga yitwaje agiye kugarukira kw’iseminari ntoya y’i Muyinga.
Intara ya Bubanza ba ntahonikora co kimwe n’abahohotewe bahamagarirwa kwegera amavuriro akorana n’ikigo SFBSP kugira bafashwe ku buntu.
Urwego CNC rwatunganije inyigisho nkarishaka bwenge ku bayobozi nshingwabikorwa n’abajejwe inganda mu binyamakuru bitandukanye bikorera mu Burundi.
Imodoka ya Interpetrol ipakiye amazutu yaraye igize isanganya i Karusi irasha iratokombera hasigara umunyota