Inkino

Intamba mu rugamba zanganije na Indonésie.

Iyo bakiniye mu gihugu ca Indonésie mu inkino za kivandimwe Uburundi bwakinye inkino zibiri nico gihugu , batsinzwe rumwe urundi bararunganya. Tugaruke ku rukino banganije ibitsindo bibiri kubindi. Rwari urukino habonetsemwo impinduka zitarinke ugereranije n’urukino batsinzwe ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 25/3/2023. 

Haragaragaye abakinyi batari babonetse hongera hibonekeza bamwe mu bakinyi bari batanguye hanze kurukino rwa mbere vyabonetse ko bamaze kwinjira mu kibuga urukino rwahindutse.
Urukino rwatanguye harimwo gusatirana kumpande zose biboneka ko Uburundi bwakoseye ibintu bitari bike kuva mw’igori gushika kubasatizi .Igece ca mbere cagiye kurangira bose banganya ubusa kubundi.

Umurwi Intamba mu Rugamba (Burundi).

Igice cakabiri cagarutse bafise inguvu barondera gutsinda ariko igihugu ca Indonésie gutangura gutsinda bivuye kukutumvikana kuri ba myugariro b’Intamba mu rugamba ariko ntibacitse intege baguma basatira haza kuboneka umupira mwiza uvuye kuruhande gwibubamfu utewe na Christophe Nduwarugira atereka ku umutwe wa kizigenza wabo w’ Intamba Saido Berahino ashiramwo ico kugombora, bibonekako intamba ziriko zirasatira hongera hakorwa impinduka hagati mukibuga .

Inyuma y’iminota Mike yinjiye mu kibuga Abdi Bigirimana ashiramwo igitsindo ca kabiri abarundi bose basimbira hejuru ariko umunezero wabo wamaze umwanya urume rumara kuko hasigaye iminota ibiri ngo urukino rurangire niho Indonésie yaterekamwo igitsindo co kugombora maze urukino rurangire ari ibitsindo bibiri kubindi.

Onesime Rukundo, umunyegori w’ Intamba mu Rugamba.

Ni urukino kuntamba abakinyi bose bajanye barakinye kiretse umunyegori juste Ndikumana, ikindi cibonekeje  nuko ko Étienne Ndayiragije yahaye akaryo abakinyi ko kwerekana ico umwe wese ashoboye .

Related posts

NANI MKHANI TOURNAMENT: Remesha 67-55 Urunani muri Final.

Buja Media

Abanonotsi batwara amakinga bariko bazuguruka ibihugu biri muri kano karere ka EAC.

Yvan Manager

Bamwe mu bakinyi b’Intamba mu Rugamba bamaze gushika muri Cameroun

Yvan Manager

Leave a Comment