Imyidagaduro

Indirimbo “You Love” ya DJ Paulin feat Dram-T, Juno Kizigenza izosohoka kuruyu wa Gatatu.

Amasanamu yamaze kuja ahabona azoba ari mu ndirimbo iri mu mugambi Dj Paulin afise wo gufasha abaririmvyi ba barundi babishoboye mu bikorwa bitandukanye,  ni muriyo ntumbero kuruyu wa gatatu igenekerezo rya 31 Rusama hazosohoka indirimbo yise “You Love” izoba irimwo abaririmvyi 3 harimwo Juno Kizigenza wo mu gihugu c’ Urwanda. Amasanamu yiyo ndirimbo ariko akorwa na John elarts, Amir Pro niwe yakoze Audio muri MA Production.

Abatari bake baragize ico bashikiriza inyuma yo kubona kuri Facebook ya Dram-T abishizeko. Ico n’ikimenyetso cuko abakunzi b’umuziki ndundi barindiranye igishika kinini iyo ndirimbo narirya Dram-T amaze imisi yerekana yuko aririmba indirimbo ziriko zirakundwa n’abantu batandukanye hagati mu myaka.

Amasanamu yiyo ndirimbo yafatiwe mu gihugu c’Urwanda nkuko ayo makuru tuyakesha Dj Paulin asanzwe ari wenyene indirimbo. Iyo ndirimbo  You Love izoba iri mu gitigiri c’indirimbo Dram-T azoririmba mu giteramo azokorera mu Bubiligi no mu Bufaransa kuma genekerezo ya 27 na 28 Rusama uyu mwaka.

Vyinshi cane kuriyi ndirimbo “You Love” tuzobibashikira uko tuzogenda turamenya vyinshi.

Related posts

Drama T: ‘’ITAMPORIZE’’ indirimbo iriko ivugwako vyinshi.

Buja Media

Abigeme bari mw’ihiganwa rya Miss Burundi 2025 baragize isanganya.

Buja Media

DJ Ira yahawe ubwenegihugu bw’Urwanda.

Buja Media

Leave a Comment