Inkino

Ihiganwa ry’Afrika: ‘’Imyiteguro iriko igende neza kandi igeze kure’’.

Mukwezi kwa Myandagaro 2023, Uburundi buzokwakira inkino zo gusiganwa n’imiduga(Rally) kurwego rwa afrika, uwurongoye umurwi (Club Automobile du Burundi) Prosper Nivyukuri yamenyesheje yuko imyiteguro igeze kure inyuma yo kuronka uburenganzira bwo kuyakira bahawe n’ishirahamwe ryo gutwara imiduga ku rwego rw’isi yose (FIA).

Prosper Nivyukuri, Uwurongoye umurwi ”Club Automobile du Burundi”.

Mu kiganiro Prosper Nivyukuri yahaye BujaMedia, yavuze ko mu ntumbero yo kwitegura neza bashimye gutegura ihiganwa rizoba igenekerezo rya 19 Ntwarante 2023 rizobera mu kiyaya c’ imbo mu ntara ya Bubanza (SRDI Imbo ni Gihungwe) n’ irindi rizoba muri Rusama kugira bashishikare bitegura kurusha iryo higanwa ridasanzwe igihugu c’ imirije.


‘’Twaratanguye kwitegura aho imiduga izoca (piste) dusa n’abahejeje kuzitora, turiteguye kwakira abazova muri afrika bashika kuri 10’’. Prosper Nivyukuri.
Inyuma yiryo higanwa ridasanzwe turiyumvira kuzoca dutegura ihiganwa rya nyuma mu mpera z’umwaka hagati mu ntara ya Gitega na Ngozi, ntiturahamenya neza.

Ivyo biruko mu gihe umwaka uheze, habaye ihiganwa 4 kandi zose zagenze neza. Uburundi bwaheruka gutegura ihiganwa ku rwengo rw’igihugu haraciye imyaka irenga 30.

Related posts

Mondiale 2026: Hasigaye imisi 400 itagure, Mexique iriteguriye kwakira abakunzi benshi cane.

Yvan Manager

PlayOffs 2025: Urunani na Gladiators batsinze Game 2.

Yvan Manager

Ihiganwa rya Rallye ryarahagaze inyuma y’urupfu rw’umwe mubakinyi bawo.

Yvan Manager

Leave a Comment