Ukuvyara abana benshi uyu musi bituma ubukene burwira mu miryango, Gabriel Rufyiri asaba reta gufata ingingo ko ata muryango worenza abana 2 canke 3, akamenyesha yuko abana 6 ari benshi kandi ubu bafatwa nk’ umuzigo bitandukanye nka kera bafatwa nk’ umugisha.
Gabriel Rufyiri atwara ishirahamwe ryishinze kurwanya abarya ibiturire n’abasesagura amatungo ya reta “OLUCOME” abona ko umurindi Abarundi bariko wo kuvyara abana benshi, biri mu biriko bituma ubukene buba ndanse. Uwo arongoye OLUCOME asigura ko mu gihe umuryango ukivyara abana 6 n’abarenga, biba bikigoye ko iyo minwa yose ironka ico ifungura.

Mu Mubonano uwutwara Olucome yaheruka kugirana n’ umushikiranganji wa mbere ko muvyo bavuganye nico carimwo akabona ko abatwara amashengero bobigiramwo uruhara runini mu kunyungwisha abenegihugu, ikiyago cabo kikaba cari gishingiye kandi ku ntererano y’ayo amashirahamwe mu bijanye no guteza imbere intwaro ibereye hamwe no gukaburira abarundi guhindura ingendo kugira bashike kw’ iterambere rirama.