Zidafise Umuce

Gabon: Oligui Nguema yatsinze amatora ku majwi 90,35 kw’ijana.

Brice Clotaire Oligui Nguema yatsinze amatora afise amajwi 90,35 kw'ijana yabaye kw’igenekerezo rya 12 Ndamukiza muri Gabon bafatiye ku biharuro mfatakibanza nkuko vyemezwa ndets bigashikirizwa n'Ubushikiranganjibwo hagati mu gihugu. Brice Oligui Nguema yabonwa ko ari we ashigikiwe cane muri aya matora mu gihe co kwiyamamaza kurundi ruhande, Alain-Claude Bilie By Nze, yaronse amajwi 3,02%, n’abandi bantu batandatu na bo nyene bariko bariyamamaza, baronse amajwi atarenga 1 kw’ijana.
Brice Clotaire Oligui Nguema au lendemain de sa victoire à l’élection présidentielle, le 13 avril à Libreville. © Daniel BELOUMOU OLOMO / AFP
Yatowe ku majwi 575.222, ni ukuvuga 90,35 kubantu batari bake batoye ku majwi 87,21 kw'ijana, ku bibanza vy’itora birenga 3.000 mu gihugu cose. Abatora ibihumbi 920, harimwo n’abarenga ibihumbi 28 baba hanze yico gihugu ni bo biyandikishije gutora muri ayo matora, abonwa ko ari ngirakamaro cane ku gihugu aho ica gatatu c’abanyagihugu bashika imiliyoni 2,3 baba mu bukene naho gifise ubutunzi bwinshi bw’amavuta. ibice 94,8 kw'ijana vy’ibibanza vy’itora vyabonetsemwo umutekano ntangera ndetse vyakozwe mu buryo bushimishije, mu gihe habonetse uruhara rw'umuco murivyo bikorwa rushimishije mu bice 98,6 kw'ijana nkuko vyemezwa n'ishirahamwe ridakurikirana ivyicaro vya poritique ryo muri Gabon ryatangaje ku musi wa gatandatu inyuma ryico gikorwa c'amatora.
Aya ni amatora ya mbere muri Gabon kuva 2023, Brice Clotaire Oligui Nguema afashe ubutegetsi arinze gukura ku nguvu umuryango wa Ali Bingo bumaze imyaka irenga 50.

Related posts

Buja TV kuri Star Times, kuri chaines 110.

Yvan Manager

USA: Urupfu rwa Mia Love, umwirabura wa mbere yatowe mu mugambwe waba républicain.

Yvan Manager

Godefroid Niyonizigiye mustaneri mushasha wa Komine Kayanza.

Yvan Manager

Leave a Comment