Umurwi utegura amatora CENI warateguye ikiganiro kidasanzwe n’aberwa bose mu matora buca twinjiramwo kugira babasigurire aho ibikorwa nyezina bigeze vyo gutegura amatora agira 6 igihugu cimirije azoba igenekerezo rya 6 Ruheshi. Murico kiganiro cari kubamenyesha igihe co kuzoza gutora ibimenyetso vy’imigambwe bazokoresha mu kwigisha abanwanyi babo igihe co kwiyamamaza kizotagura igenekerezo rya 13 Rusama gushika kuwa 2 Ruheshi.
Murico gikorwa hari hatumiwemwo imice myinshi itandukanye harwiremwo abatwara imigambwe, abazokwitoza ku giti cabo, abatwara amashirahamwe yigenga aharanira ivyicaro vya poritike, abajejwe intwaro kuva kubatwara intara, abihebeye Imana hamwe n’abatwara ibinyamakuru. Mu Burundi ngo harangwa ibibanza 14 156 bizoberamwo amatora, n’ayo hanze y’igihugu ni ibibanza 53. Abarundi 5.998.977 nibo biyandikishije ngo bazotore mu gihugu cose nayo abagera 14.521 biyandikishiriza hanze y’igihugu. Bose hamwe baharurwa ku 6.013.498.
Umugwi CENI wamenyesha ko kwakira abarorerezi b’amatora yimirije bizoba guhera ku wa 21 Ndamukiza 2025 gushika ku wa 16 Rusama 2025. Ico basabwa ni karangamuntu, ikete ryo gusaba kurorera amatora n’urutonde rw’aho uwusaba azororera amatora. Umugambwe ntiwemerewe kurenza abarorerezi babiri ku biro vy’itora. Ikindi camenyeshejwe n’uko amakarata y’itora azotangura gutangwa igenekerezo rya 2 gushika ku rya 8 Rusama 2025.
Prosper Ntahorwamiye atwara CENI amenyesha yuko atagihindutse hazobanza guterwa umukono n’Umukuru w’igihugu ku ngingo iha uburenginzira ivyo bikorwa ku wa 9 Rusama 2025 kugira vyugurure ibikorw nyezina vyo kwiyamamaza. Tubibutse ko ikirangamisi c’amatora gitegekanijwe uku gukurikira :
– Igenekerezo rya 5 Ruheshi 2025: hategekanijwe amatora y’abashingamateka n’ay’abajenama b’amakomine.
– Igenekerezo rya 23 Mukakaro 2025 : amatora y’abakenguzamateka
–Igenekerezo rya 25 Nyakanga 2025 : amatora y’abakuru b’imitumba n’abarongoye amakaritiye.