MumahangaPolitike

Bimwe mu bibazo bikuru bikuru vyabajijwe mu kiganiro c’abavugizi b’inzego.

Abavugizi b’inzego zose zigize Reta y’Uburundi baragize ikiganiro aho bakira ibibazo vy’abamenyeshamakuru hamwe n’abanyagihugu biraba ubuzima bw’igihugu, ico kiganiro cabereye mu ntara ya Rumonge kuwa 28 Ntwarante 2025 nkuko gisanzwe kiba rimwe mu mezi atatu. Ico kiganiro camaze amasaha 6, ibibazo vyinshi vyabajijwe mu gisata c’ Ubutungane hakiriwe ibibazo vyinshi vy’abanyagihugu kurusha mubindi biganiro vyose bimaze kuhaba nkuko vyemezwa n’umwe mubaremesheje ico kiganiro.
Mbega ibiganiro hagati y’ Uburundi n’ Urwanda yoba igeze hehe kugira imbibe zugururwe? 
Rosine Gatoni Guilene Umuvugizi w’umukuru w’igihugu yagize ati : “Umwumvikano hagati y’Uburundi uhagaze ku Rwanda. Umusi Urwanda rwashatse gushitsa ivyo rwemeye, uwo musi imigenderanire izoca isubira imere neza”. Uburundi bwagiriza Urwanda gushigikira umuhari Red Tabara urwanya reta y’i Gitega. Buwagiriza kugira ibitero mu Burundi. Ariko Urwanda rwama rwabihakanye. Rosine avuga ko Uburundi ari igihugu camye gishira imbere ibiganiro. Yemeza ko inkozi y’ikibi yo mu Rwanda ihungiye mu Burundi, inzego zibashikiriza igihugu c’Urwanda. Ati : “Habuze iki none ico gihugu kidushikirize izo nkozi z’ikibi zahekuye Uburundi”. Rosine Gatoni yemeza ko hamwe ico gihugu cotanga abo bantu bashatse gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 imbibe zizoca zugururwa. Ku bwiwe, nico kizotuma imigenderanire isubira kurama. Ku kibazo c’ ibiganiro vyoba biriko biraba hagati y’ivyo bihugu nta nyishu itomoye yatanze. Gatoni we asanga umuntu yokwibaza impamvu bidahera kuva aho vyakabereye canke igituma inyishu itaboneka.
Image
Rosine Gatoni Guilene Umuvugizi w’umukuru w’igihugu (Photo RTNB).
Mu kigenga ca reta hamaze kugarukanwa amahera angahe yavuye mubanyonyeje itunga rya reta? 
Ikibazo kiri mu vyabajijwe umuvugizi w’umukuru w’igihugu  Rosine Guilène Gatoni , avuga ko intovyi zitabura ariko zifatwa. «Hari n’inzego zibijejwe zirababona, ariko uwutosora imfuku yamiza akatsi mu jisho”
Uwo muvugizi yemeza ko amahera yari yaranyonowe agarurwa agakora mu migambni y’iterambere nko kwubaka ikibuga c’umupira w’amaguru n’ibindi. Atanga akarorero ko kuva mu kwezi kwa Nzero gushika ubu muri Ntwarante, kuri konte yatanzwe na Reta ngo ishirweko amafaranga yibwe, hagiyeko imiriyaridi 15 ariko ngo ubu hasigayeko imiriyoni 200 kubera ubwo buryo buguma bukora.
Mbega indege yagiye gukorerwa haciye igihe kinini i Madrid muri Espagne, yoba yarakize? ubwo igihugu ntikiriko kirahomba mu gihe bazosanga amahera turiko turariha ari menshi kurusha ayo tuzoyikoreshako? 
Ya ndege y’Uburundi ngo iracahagaze i Madrid, harashizweho umugwi uriko uriga ingene yokorwa igatangura gukora, canke igurishwe. Bishikirizwa n’Umuvugizi w’umukuru w’igihugu Rosine Guilene Gatoni.
yagize ati: “Abarundi barakanura barakurikirana amatungo y’igihugu ! Indege y’Uburundi rero iracari i Madrid gushika n’ubu, ariko harashizweho umugwi w’abahinga bo mu bushikiranganji bujejwe uruja n’uruza. Uwo mugwi uzokwiga ibikenewe vyose kugira ngo iyo ndege ikorwe burundu isubire gukora canke basanze ayo yokoreshwako yoba menshi bace bayigurisha.” Amenyesha ko uwo mugwi rero uri ku kivi kandi ari ukuwutera intege kugira ngo banyarutse batange icegeranyo !
Mbega kubera iki hari abantu bezwa ntibarekurwe, habura iki ? Bigenda gute ?
May be an image of 1 person and text that says '月 10:14:85 0 66 Stade NYEZI แม BOMIGAME MIGAMB SHIC ZA2040 KoTb KIGANIRO C'ABAVUGIZLB'INZE B'INZEGO ZALRIDIN ZAMDNBS 定田'
Nkeshimana Ange Marie avugira ubushikiranganji bw’ubutungane aratanga umuco uko bikorwa ido n’ido yishuye ati: “Iyo umuntu aciriwe urubanza, akezwa canke akagirwa n’icaha, hariho urwego rujejwe gushira mu ngiro urwo rubanza. Haba gusohoka, bishikirizwa n’ubushikirizamanza, abo rero nabo bari ku kivi baraba abantu bejejwe kugira ngo babagirire impapuro zibaha uburenganzira bwo gusohoka. Rero, ibibazo vyabo birazwi, bari ku kivi ababijejwe, bizere bazosohoka” Ku bijanye n’iduga ry’ibiciro ku mpapuro ababwitura basaba, abamenyeshamakuru bashikiriza amakenga ko abantu bazohava batoroherwa kubera ibiciro baheruka kubiduza. Nkeshimana Ange abishuye ati: “Mu ntumbero ubushikiranganji bufise, nta na gato bwipfuza guhohotera abantu babwitura. Intumbero ni uko umwenegihugu wese ashikira ubutungane yorohewe. Ariko nk’uko mubizi, nabwo burakoresha ibikoresho, zaba impapuro yaba amakaramu n’ibindi, kugira ababwitura baronke ikopi, canke Ikindi gipapuro cose gikenewe. Ivyo navyo, ubushikiranganji ntibuvyikorera, burabigura. Tuba turavye rero bivanye n’uko ivyo bigurwa, hama tugashinga ibiciro biri hagati na hagati”.
Mbega kubera iki inzoga nshasha ya Amstel Bright bayishize kumahera menshi kandi ikorwa n’ibigori twirimira? 
May be an image of beer and text that says 'EXTRA FRAICHE EXTRA EXTRARADIEUSE RADIEUSE KAA BRNIGHT BRICHT BRIC3RIGHT AMSTEL BEER BRICHI BRIGHT BRICHICH IRIGH AMSTEL BRIGH BRIG AMSTEL AMSITL BRIGHT BRIGHT BRIC মাজ AMSTER CHT BRIGHT BRIGHT AMSTEI AMSTEI BRIGHT BRIGHT BRIGHT Y BRIGHT BRIGHT BIGHT BRIGH RIGHT BRIGH BEIGHT BRIGHT BRIO 時 BRIGHT AASTIL RIGHT RIGHT BRIGHT BRIGHT BRIGHT BRIGH BRICH BRIGH BRIG BRIGA WIGHT eI.HIA GHT GHT HT RIGHT RIGHT BRIGH BRNH RRIGH! 행대 GRIC ARIC "'

Onésime Niyukuri Umuvugizi w’ubushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo ubudandaji amenyesha yuko ivyo bakoresha hari ibindi bikoreshwa biva hanze ati: ”Ubwa mbere mu bushikiranganji turahimbawe cane kubona ivyo twirimira dusigaye tubivyaza umusaruro mu guhingura ico kinyobwa. ku bijanye n’igiciro c’ikinyobwa Amstel Bright, ni vyo cahinguwe mu bigori, ariko ntimwibaze ngo ni vyo vyonyene gikenera kugira gihingurwe. Hari ibindi bikoreshwa biva hanze. Ico giciro cashinzwe kugira ngo hashobore kuboneka amafaranga afasha kuzana ivyo dukura hanze, gutyo ico kinyobwa kibandanye kiboneka kw’isoko.”

Mbega ikibazo c’igitoro coba carabuze umuti ko bashizeho n’ishirahamwe Sopebu ariko atanyishu iboneka ihari?”

May be an image of 1 person, newsroom, dais and text
Jérôme Niyonzima avugira Reta y’Uburundi.
Jérôme Niyonzima avugira Reta y’Uburundi arashima kubona abarundi bitayeho ibibazo vyabo ati: “Birahimbaye kubera vyerekana urugero Abarundi baba bitayeho igihugu cabo. Bisigura kandi ko Abarundi baba bafise aho bakoresha ico gitoro kumbure kikabakehana” abona ko igikorwa cambere ari kugwiza amafaranga mvamakungu y’amadorare kuko ariyo akoreshwa mu kurangura igitoro. Ivyo navyo ngo bitegerezwa guca mu gushora ubutare bucukurwa mu Burundi. Jérôme Niyonzima abona ko igikorwa cambere ari kugwiza amafaranga mvamakungu y’amadorare kuko ariyo akoreshwa mu kurangura igitoro. Ivyo navyo ngo bitegerezwa guca mu gushora ubutare bucukurwa mu Burundi.
Umuvugizi wa Reta ashikiriza yuko hari abifise babona ko igitoro kidakwiye bagaca bacegeranya ati “Hariho Abarundi bariko baratakaza umuco wo kwitwa Abarundi. Ni aba bantu babona ko igitoro kidakwiye bagaca bacegeranya kuko Imana yabatije akaryo ko kugira inoti zigwiriye”. Aho ntiyibagiye no kuvuga ababibona ntibabashengeze kandi bafise inomero za ngendanwa y’Umukuru w’igihugu n’iz’abashikiranganji n’izindi ndongozi abona yuko abo bifise bakwiye gutuzwa kugira ikena ry’igitiro kiboneke kubwinshi, bashatse kumenya ni ryari igitoro kizoboneka gikwiye ayaheraheje yishura ati: “Sinivuga ngo ni ejo mugabo icizere kiriho Abarundi borema”.
Mbega abarimyi baguze ifumbire ntibayironse kugihe ,bazosubizwa amahera yabo igihe cokuyikoresha kiriko kirarenga?
May be an image of 3 people, newsroom, dais and text
Clément Ndikumasabo avugira Ubushikiranganji bw’uburimwi n’ubworozi.
Ku kibazo c’abarimyi bariha amafaranga yo kuronswa ifumbire maze iyi nayo igateba gutangwa ku buryo hari igihe iza umurimyi atakinini ikimufasha, Clément Ndikumasabo avugira ubushikiranganji bw’uburimwi n’ubworozi, yatanze yishuye ko bidashoboka ko abarimyi ngo basubizwe amafaranga ati : Nta murimyi azosubizwa amafaranga yarihiye ifumbire ngo n’uko yatevye kuyironka”
Clément Ndikumasabo avuga ko Reta yazanye uwo mugambi uje gufasha kugira umwenegihugu aronke ifumbire ku giciro kitavuna kandi ko Reta itategekanije ko yokwigera isubiza amafaranga.
 Amenyesha nyabuna ko Reta iriko irakora ibishoboka kugira utwo twigoro ikora two kuronsa ifumbire abenegihugu ku giciro kitavuna ubandanye, n’ayo abatararonka iyo fumbire arabizeza ko bazoyironswa bose kandi baronke iyo barihiye yose.
Mbega reta itegekanya iki kugira banyenamazu baguma baduza inzu agasakisaki ibafatire ingingo mu gihe amazu yo gupanga azimvye muri iki gihe?

Jérôme Niyonzima, amenyesha ko Reta igiye gushiraho ikigo kijejwe kugenzura ibijanye no gupanga no gupangisha inzu. Umunyamabanga mukuru wa Reta amenyesha ko inama nshikiranganji iherutse gushiraho umugwi ugiye kwiga ibijanye n’ibiciro vyo gupangishwa hakizisungwa ingene inzu yubatswe n’aho yubatswe.  . Kuri bamwe bigenza ku bo bapangishijeko amazu bakababwira ko inzu bagira bayisubiremwo ariko ntibabikore ahubwo bafise intumbero yo kuyiha uwuzanye menshi, abonako ari uguhohotera abapanze. Abona ko mu masezerano hagati y’uwupanze n’uwupangishije hakiri agahaze kuko aba hagati y’abantu babiri gusa. Jérôme  avuga ko amasezerano hagati y’uwupanze n’uwupangishije agifise agahaze kuko aba hagati y’abantu babiri gusa. Mu kurindira urwo rwego, ahanura abapanga kutagira amasezerano akanywababo ahubwo bagerageze amenyekane imbere y’abajejwe amategeko (notaires) kugira akingirwe. Ku bwiwe, bizotuma atawusohorwa mu nzu hatisunzwe ivyo baba barasezeranye.

Related posts

Patrice Motsepe yatowe gutwara CAF ikiringo ca 2 kindi.

Yvan Manager

Ibihugu 6 vyemerewe kwinjira muri Brics 2024.

Yvan Manager

Varisito Ndayishimiye uko yakiriwe ashitse Serbie.

Yvan Manager

Leave a Comment