

Onésime Niyukuri Umuvugizi w’ubushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo ubudandaji amenyesha yuko ivyo bakoresha hari ibindi bikoreshwa biva hanze ati: ”Ubwa mbere mu bushikiranganji turahimbawe cane kubona ivyo twirimira dusigaye tubivyaza umusaruro mu guhingura ico kinyobwa. ku bijanye n’igiciro c’ikinyobwa Amstel Bright, ni vyo cahinguwe mu bigori, ariko ntimwibaze ngo ni vyo vyonyene gikenera kugira gihingurwe. Hari ibindi bikoreshwa biva hanze. Ico giciro cashinzwe kugira ngo hashobore kuboneka amafaranga afasha kuzana ivyo dukura hanze, gutyo ico kinyobwa kibandanye kiboneka kw’isoko.”
Mbega ikibazo c’igitoro coba carabuze umuti ko bashizeho n’ishirahamwe Sopebu ariko atanyishu iboneka ihari?”


Jérôme Niyonzima, amenyesha ko Reta igiye gushiraho ikigo kijejwe kugenzura ibijanye no gupanga no gupangisha inzu. Umunyamabanga mukuru wa Reta amenyesha ko inama nshikiranganji iherutse gushiraho umugwi ugiye kwiga ibijanye n’ibiciro vyo gupangishwa hakizisungwa ingene inzu yubatswe n’aho yubatswe. . Kuri bamwe bigenza ku bo bapangishijeko amazu bakababwira ko inzu bagira bayisubiremwo ariko ntibabikore ahubwo bafise intumbero yo kuyiha uwuzanye menshi, abonako ari uguhohotera abapanze. Abona ko mu masezerano hagati y’uwupanze n’uwupangishije hakiri agahaze kuko aba hagati y’abantu babiri gusa. Jérôme avuga ko amasezerano hagati y’uwupanze n’uwupangishije agifise agahaze kuko aba hagati y’abantu babiri gusa. Mu kurindira urwo rwego, ahanura abapanga kutagira amasezerano akanywababo ahubwo bagerageze amenyekane imbere y’abajejwe amategeko (notaires) kugira akingirwe. Ku bwiwe, bizotuma atawusohorwa mu nzu hatisunzwe ivyo baba barasezeranye.