Kuwa 25 Rusama, abagenduzi b’ikigo c’igihugu kijejwe ubuziranenge BBN, bazindukiye mu gikorwa ca misi yose baragize urugendo ku bibanza bitandukanye bidandarizamwo igitoro, muntumbero yo gukingira umuguzi. Abasanze barahiritse iminzani yabo bazobugarira hagati ya 3 na 6 bivanye n’abivye vyinshi ndetse bacibwe n’ihadabu kubahora bariha amahera ibihumbi amajana atanu bazoyarwiza incuro 20.
Séverin Sindayikengere arongoye BBN amenyesha yuko bagiye kubahana vy’akarorero akamenyesha yuko ko nka hose biba umuguzi. Ama station 3 ariyo: Station Prestige iri mu Kinindo, Station Delta iri muri quartier 8 mu Ngagara basanze ko umuntu aguze iritiro cumi z’igitoro ca essence bamutwara iritiro 0,81 nayo kuri mazutu bamutwara iritiro 0,32, iyo station ikaba yaciye yugarwa hamwe Baz Fuel Energy muri Industriel.
Uwurongoye ikigo BBN ,yagize ati naho igitoro gihora kibura,iyo kibonetse naho umuguzi aca yibwa,ati ama station twaciyeko mwabonye Yamenyesheje ko abo bafashwe barahiritse iminzani yabo bazoba akarorero mu guhanwa,ati uwivye bike tuzomwugururira kumezi 3, abivye vyishi nabo bazokugururirwa ama pompo yabo ku mezi 6.Kukijanye n’ihadabu bazotanga,yagize ati abahora bariha amafranga ibihumbi 500000, tuzoca tuyagwiza na 20,nukuvuga imiriyoni 10 kugira duhashe. Yaciye amenyesha ko bariko barategura amategeko basabe ababakurira bategeke ba nyene ama station bazane ama pompo meza atiba abaguzi.Yanasavye amashirahamwe bakorana ko boshiramwo inguvu kugira igikorwa nkico co kugenzura kigende neza “birababaje iyo tugiye ahantu ugasanga baza bamenye ko tuje kubagenzura,tugasanga biteguye”.
Ico gikorwa cabandanirije mu masoko ya Kinindo, Ruziba na Musaga aho hose hakaba hacibonekeza abadandaza bacururuza ibidandazwa bitekeye mu bitekezo vyagenewe gutekerwamwo rimwe. Abakozi b’ikigo BBN bakaba baciye babifata ivyo bidandazwa
Ivyo biruko mu gihe iritiro ya essence igurwa 3.250fbu hamwe na mazout iritiro imwe igurwa 3.450fbu.