Kuwa 10 Ntwarante 2025 umumenyereza w’umugwi nserukiragihugu intamba murugamba Patrick Sangwa yashize ahabona urutonde rw’abakinyi 25 azifashisha munkino 2 zo kurondera itike yo kwitabira igikombe c’isi yose kizoba mu 2026 muri Canada, Mexique na USA. Ico kiganiro ku bamenyeshamakuru cabereye ku buhinga bwa none (Vidéo Conférence) kubera atari hagufi.
Umumenyereza W’umugwi nserukiragihugu Intamba mu rugamba yavuzeko yizeza abarundi intsinzi kuko ngo abakinyi barazi ico barondera kandi bariteguye. Abajijwe kubijanye nuko abakinyi ba Primus League batatumweko kubwinshi yishuye ati: “Abakinyi bakina muburundi barazi umupira kandi cane, rero kuba twatoye umwe suko abandi badashoboye nuko ivyo dushaka gukina twahisemwo abo.”Yamenyesheje yuko abakinyi na staff bose bazohurira mugihugu ca Maroc.

Izo nkino zikazobera mugihugu ca Maroc aho Uburundi buzokina na Côte d’Ivoire hamwe n’igihugu ca Seychelle urutonde rw’abakinyi 25 :
1/ Abanyezamu :
— Jonathan Nahimana
— Onesime Rukundo
— Matéo Nkurinziza
2/ Abakinyi b’inyuma
— Frédéric Nsabiyumva
— Christophe Nduwarugira
— Omar Moussa
— Claus Niyukuri
— Kevin Icoyitungiye
— Marco Weymans
— Youssouf Ndayishimiye
3/ Abakinyi bo hagati
— Muderi Akbar
— Msanga Henry
— Parfait Bizoza
— Trésor Mossi
— Shassir Nahimana
— Abedi Bigirimana
— Elie Eldinho Mokono
— Jordi Liongola
4/ Abasatirizi
— Bienvenue Kanakimana
— Jean Claude Girumugisha
— Bertrand Nishimwe Mvuka
— Mohamed Amissi
— Bonfils Caleb
— Sudi Abdallah
— Pacifique Niyongabire.
Ikirangaminsi c’inkino
kuwa 21/3 : Burundi 🇧🇮 🆚 🇨🇮 Côte d’Ivoire
kuwa 25/3 : Burundi 🇧🇮 🆚 🇸🇨 Seychelles