MumahangaPolitike

RDC-Rwanda : Bikuru bikuru biri mu masezerano agiye guterwako umukono.

Kuri uyu wa kane, igenekerezo rya 4 Kigarama 2025 i Washington, Paul Kagame hamwe na Félix Tshisekedi barasinyira hamwe urunani rw’amasezerano yiswe “Washington Accords for Peace and Stability”, agize igice c’ihinyanyurwa rikomeye ry’umugambi wa dipolomasi watanguye hagati ya RDC nu Rwanda hamwe na Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Nkuko ayo makuru tuyakesha iradiyo y’Abafaransa yarashoboye kuronka ivyo vyegeranyo.

Aya masezerano mashasha ahuriyemwo ivyari vyasinywe mbere, harimwo “Déclaration de principe” y’itariki 25 Ndamukiza na “accord de paix” y’itariki 27 Ruheshi, ariko kandi hiyongereyemwo n’inyandiko nshasha, nk’iyo yerekeye uburyo bwo kwinjira hamwe mu karere, bukiri mu rugendo rwo kurangizwa.Intumbero: Guhuza ayo masezerano yose mu gitabo kimwe kizofasha mu gukwirikirana ivyo ibihugu bibiri vyiyemeje mu vya poritike, umutekano n’ubutunzi.

Icegerezo nyamukuru c’iyo ndwi ni “cadre d’intégration régionale”, ikaba ariyo nkingi y’ubutunzi muri uwo mugambi wa Washington. Iryo Nkingi rishimikiye ku migambi yo gusubiramwo no gutunganiriza mu muco inzira z’itangwa ry’ibitoro vy’agaciro (nk’itwa, tantale, tungstène, niobium, izahabu, lithium), vyakunze kuba intandaro y’ugutunga kw’ubutunzi butemewe n’amategeko hamwe n’ugushigikira amagwi yitwaje ibigwanisho.

Ibintu bitatu nyamukuru iyo nyandiko ishaka gutorera umuti ni:
1. Kurinda inyungu za Amerika mu bijanye n’ibitoro vy’agaciro, mu karere kitarimwo cane ishoramari ry’Abashinwa, ugereranije n’i Katanga.
2. Gufasha RDC kwisubiza ubutunzi bwayo buri mu minwe y’abacuruzi b’amatagisi n’ibindi binyuranye n’amategeko.
3. Kongera ubushobozi bw’u Rwanda nk’ihuriro (hub) rihinyanyura ibitoro vy’agaciro, nk’uko rubimaze imyaka ruvuga.

Aya masezerano ashobora guhindura ingendo y’akarere mu bijanye no gutunganya ubutunzi bushingiye ku bisanzwe vyakunze gukurura umutekano muke.

Related posts

Arielle Kayabaga umushikiranganji mushasha w’intwaro yo hagati mu gihugu muri reta ya Canada.

Yvan Manager

Abasirikare b’Ubufaransa bazotagura kuva muri Niger muriyi ndwi.

Yvan Manager

Umukuru w’Igihugu yashikirije musitanteri mushasha wa Komine Matongo.

Yvan Manager

Leave a Comment