InkinoMumahanga

Davis Cup: Uburundi bwandikishije kandi amateka meza muri Tennis yo muri Afrika.

Umurwi nserukiragihugu wa Tennis baronse ikibanza ca 2 mw’ihiganwa bari bitavye mw’ihiganwa bitiriye Davis Cup yabereye mu gihugu ca Angola, imidali n’ubushimwe bakaba baje babizanye mbere baca bakirwa n’uwurongoye ishirahamwe ry’urukino rwa Tennis mu Burundi, Gilbert Nibigirwe. Ihangiro bari bafise ryari ryo guserukira neza bishoboka igihugu cacu kugira ibendera rihungabane.
Bashitse ku munsi w’ejo hahise igenekerezo rya 16 Ruheshi, bamenyesheje ko bakinye cane kubera
Tukiva mu Burundi, twari twihaye ihangiro ryo guserukira neza bishoboka igihugu cacu kugira ibendera rihungabane. N’aho twahura n’ibihugu bikomeye, nta bwoba twagira kuko twari tuzi ico dushaka gushikako”.
Umurwi nserukiragihugu, bahejeje kubambika imidari.
Uburundi bwaserukiwe na Guy Orly Iradukunda, Allan Terry Gatoto, Omar baherekejwe n’umumenyereza Innocent Ndayishimiye .Muri iryo higanwa Uburundi bwitabiriye, bugiye kurondera kuduga muri Division 3 (harwiriyemwo ibihugu bikomeye vyo kw’isi) bava muri Division 4.
Amwe mu majambo yashikirijwe n’umwe muu bakinyi “Gukina tuzi ko hari imiriyoni 13 z’abarundi turiko turaserukira vyaraduha intege cane. Biri mu vyatumye twita ku rutare kugira ntidutetereze igihugu cacu.”

Related posts

Joe Biden yagiye muri Israel haturika igisasu gihitana abashika 500.

Yvan Manager

BAL2025: Boissy yatsinze amanota 111,aba umukinyi wa mbere atsinze menshi kurusha abandi.

Yvan Manager

“Turizeye intsinzi muri rino higanwa rya Tennis, nta bwoba dufise.” Umumenyereza.

Yvan Manager

Leave a Comment