InkinoMuburundi

William Perry umukinyi mushasha w’ Urunani BBC,n’ibiki vyamuranze muri kahise?

William Perry Kiah n’umukinyi mushasha umurwi w’ Urunani BBC wamenyesheje yuko agiye kubakinira mu nkino zituma umurwi utsinze baca baronka uruhusha rwo kuja muri Road to Bal 2025, yamaze imyaka myinshi akina Basketball nk’uwabigize umwuga ku mugabane wa Amerika, Buraya no muri Afrika. Perry yamye ari imbere afise igiharuro c’amanota menshi, nk’umukinyi yatowe rimwe gusa mu mugwi wa mbere wa All-BAL kandi yatsindiye incuro zibiri agashimwe ka BAL Sportsmanship Award. Buja Media cashimye kubabwira kahise n’ivyaranze uwo mukinyi William Perry, umukinyi afise imyaka 31.

Ubuzima Perry akiri muto. 

Perry yavukiye i Raleigh mu gisagara ca Caroline kiri mu Buraruko bwa Amerika, yize muri kaminuza ya Lenoir–Rhyne yakinye imyaka 4 mu murwi wa Lenoir–Rhyne Bears mu gice ca kabiri ca NCAA. Mu mwaka wi 2015 na 2016, Perry yaratwaye agashimwe nk’umukinyi wa mbere wiryo shure yatsinze amanota kuri atatu menshi yakozwe mu mwaka umwe afise 101. Perry yarafashije bimwe biboneka cane gose umurwi wa Bears gutsinda kuri 21 na 10 baca baronka ahamahigwe ya mbere kuva muri kahise bakinira igikombe c’akarere k’amajepfo y’ubuseruko. Perry yaratowe kuba mubakinyi mu murwi  ALL-SAC mu 2016, agigwa umukinyi yahawe agateka muruyo murwi mu 2015. Perry yahejeje gukinira Bears uumurwi wari mu cicaro ca 2 afise amanota yinjije 1267 afise ibice kw’ijana 89.9 vy’amanota yatsinze kuri Lancers francs.

Kahise kiwe mubijanye n’inkino.

Kuwa 24 Ruhuhuma 2024, umurwi Rivers Hoopers(Nigeria) yatangaje ko yasinye amasezerano na Perry mu mwaka wi2024 wa BAL, Perry yarabaye umukinyi akomeye cane w’agaciro mu mwaka w’imikino wa Hoopers, aho bafashe ikibanza ca gatatu ku ncuro ya mbere muri kahise. Perry niwe yarongoye umurwi mu gutsinda amanota 17,2 kw’ijana ku nkino imwe, kandi yari afise n’amanota 5,4 kw’ijana ru rukino rumwe, yatowe mu murwi wa mbere wa All-BAL inyuma y’umwaka kandi yararonse kandi kabiri agashimwe muri BAL. Perry yinjiye mu murwi Patriots mu Rwanda, yakinye urukino rwa mbere kw’igenekerezo rya 11 Ruhuhuma, atsindira amanota 26 mu mukino watsinze Tigers BBC 84-67.

Perry ahejeje inyuma y’iyindi nkuru nziza yo gutora abazokina, Perry yarakinye mu mwaka w’inkino wi 2023 muri BAL. Ku wa 30 Ndamukiza 2023, Perry yatsinze amanota 41 mu rukino bahura na SLAC ku manota (109-97), gutyo abona amanota menshi mu nkino za BAL atsinze mu rukino rumwe gusa (Record)mu gihe uwarafise ico kibanza ca mbere yari Terrell Stoglin gusa.  Ku wa 28 Rusama 2023, Perry yararonse agshimwe ka bita BAL Sportsmanship Award, bagaha umukinyi kubera gutanga akarorero (Fair-Play)ku kibuga afise inyifato nziza, gukina neza, n’ubunyankamugayo (Integrite)”.

Perry akinira Rivers Hoopers yashitse muri BAL.

I Uburayi mu 2016 na 2020.

Perry ntaho ata mahigwe yaronse yokuja muri NBA mu mwaka w’2016, yatanguye gukina n’umugwi wa CB Zamora wo muri Espagne LEB Plata. Yari afise amanota ibice 8,3 n’ama nota ibice 2.2 ku mukino wose kuko Zamora yari yabuze kuja mw’ihiganwa ya nyuma Play Off kutsinzi 11 kuri 19. Yaciye akina imyaka ibiri muri Portugal mu murwi ya Ovarense yo mu gihugu ca Portugal (LPB).Perry yinjiye mu mugwi wa Academic Plovdiv wo mu gihugu ca Bulgarie mu mwaka w’2018, agumayo imyaka ibiri. Hanyuma, abandanya mu murwi Amicale Steesel muri Luxembourg na CD Estela wo muri LEB Plata.

Ivyo yakoze muri Afrika muri BAL kuva 2021 gushika 2025.
Igihe ca mbere yakinye na Beira mu 2021gushika mu 2022  Perry yinjiye mu mugwi wa Mozambike witwa Ferroviário da Beira wo muri Liga ya Mozambike ya Basquetebol (LMB). Yafashije Beira gutsinda igikombe ca LMB co mu 2021 mu gihe ariwe yabaye  MVP umukinyi yatsinze amanota menshi kndi yigejeje neza. Yaciye abashikana mu gice ca BAL mu 20222, aho yaronka amanota 14, ama rebounds 4 atanga imipira 5 ivamwo ibitsindo (assistance) ku mukino wose. Mu nyuma yasubiye kuja muri Beira, Perry na we asubira kuba MVP mu mwaka w’inkino wi 2022 LMB aho yashikanye incuro 2 Beira mw’ihiganwa rya BAL.

 

 

Related posts

Rally: Prime Uwikunda na Prince Basabose batahukanye ihiganwa ”Boucles de l’Imbo”.

Yvan Manager

Buja TV kuri Star Times, kuri chaines 110.

Yvan Manager

NANI MKHANI TOURNAMENT: Remesha 67-55 Urunani muri Final.

Buja Media

Leave a Comment