Inkino

Volleyball : Ihiganwa ryugurura umwaka 2022-2023

Mu ntumbero yo gutagura neza umwaka w’inkino mu mupira w’amaboko Volleyball, ishirahamwe ry’umupira w’amaboko mu Burundi (FBVB) ruzotaguza icese ihiganwa  kuma genekerezo ya 4 na 5 Ntwarante 2023 ku kibuga Parquet, kazoba n’akaryo keza ko kuraba uko imirwi yagiye uragura abakinyi kuko baheruka guheza igura n’igurishwa. 

Igenekerezo rya 4 Ntwarante hazoba igice ca kabiri gishira ica nyuma, izizoba zatsinze zicoca zihura kumusi w’Imana mu gice canyuma.

ku ruhande rw’ abagore:

10h: Muzinga vs EGIA,

11H30′: PTT vs GLC

Ku ruhande rw’abagabo

10h: Rukinzo vs Bisoro

11h: BUN vs ASB

Uruganda rwa BujaMedia, rwarondeye Christophe Irambona ajejwe gutanga amakuru muriyo shirahamwe yashimye urugero urwo rukino rugezeko kuko rwahora ruhurumbirwa cane mu mashure yisumbuye yo hagati mu gihugu ariko ubu abanyagisagara ca Bujumbura nabo barataguye kurukunda no kurukurikirana hanyuma bakazoruhurumbira barukina.

Mwomenya yuko iryo shirahamwe bazokwakira inkino ku mugabane w’isi mu nkino za Volleyball Beach ngaha mu Burundi mukwezi kwa Mukakaro 2023.

Related posts

Francine Niyonsaba nabo barikumwe baterereye imifuko 68, yubaka ikibuga Intwari.

Yvan Manager

AFCON 2023: Intamba Mu Rugamba bafashe urugendo rubashikana muri Tanzaniya.

Yvan Manager

Imirwi 3 yaduze muri Primus Ligue 2023-2024 yamenyekanye.

Yvan Manager

Leave a Comment